Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Turkiya : Umucamanza afise urubanza rw’uwagirizwa ihonyabwoko yasibiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya : Umucamanza afise urubanza rw’uwagirizwa ihonyabwoko yasibiwe (...)

Turkiya : Umucamanza afise urubanza rw’uwagirizwa ihonyabwoko yasibiwe kurekurwa

mercredi 1er Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Sentare ya ONU yasavye Turkiya kurekura umucamanza apfunzwe inyuma y’igerageza ryo guhirika ubutegetsi mu mwaka w’2016. Iyo sentare ya ONU isaba ko yorekurwa kugira ashobore kuburanisha urubanza rw’uwuregwa ihonyabwoko.

Amashirahamwe agwanira agateka ka kiremwa muntu avuga ko Reta ya Turkiya yafashe ibihumbi vy’abanyagihugu barimwo abacamanza n’abavugabutumwa, bagirizwa ko bashigikiye abashatse guhirika ubutegetsi.

Umucamanza Akay ari mu murwi w’abacamanza bategerezwa gukurikirana urubanza rwungurujwe rw’umuntu yigeze kuba umushikiranganji w’Urwanda, Augustin NGIRABATWARE, yaciriwe umunyororo w’imyaka 30, nk’uko BBC ibivuga, yagirizwa ko yahimirije abantu gukora ihonyabwoko mu Rwanda.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.