Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Twitter yatanze umuliyoni w’amadolare wo kurwanya ingingo ya Donald (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Twitter yatanze umuliyoni w’amadolare wo kurwanya ingingo ya Donald (...)

Twitter yatanze umuliyoni w’amadolare wo kurwanya ingingo ya Donald Trump

vendredi 3 Ruhuhuma 2017

Abakozi ba Twitter batanze amafaranga arenga umuliyoni w’amadolare y’abanyamerika kw’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu muntu "American Civil Liberties Union" (ACLU),kugira kirwanye ingingo ya Donald Trump ibuza abimukira bava mu bihugu ndwi bigwiriyemwo aba islamu kwinjira mu gihugu.

Ishirahamwe ACLU ryamenyesheje ko rifise intumbero yo kurwanya civuye inyuma ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibuza abimukira bava mu bihugu birimw aba islamu kwinjira mu gihugu.

Ishirahamwe ACLU rimenyesha ko rimaze kwegeranya amafaranga ashika ku miliyoni 24 z’amadolare y’abanyamerika ku ngabire zatanzwe biciye mu buryo bwa none,mu minsi mikeya iheze.

Abakozi bashasha 1 000 bakorera Twitter batanze imfashanyo irenga $500 000,mu ntumbero yo gushigikira ico gikorwa.

Itororokanirizo ry’amakuru Bloomberg naryo ryamenyesheje ko amahinguriro akomakomeye mu vy’ubuhinga ariko arategura ikete azorungikira Donald Trump, risigura amakenga bafise kuri ico kibazo c’abimukira, bamugire inama ingene yogitorera inyishu.

Ku rundi ruhande, umuhora wa Viber nawo wuguruye umurong utariha ku bashaka guhamagara mu bihugu vya Iraki, Syria, Irani, Libiya, Somalia, Sudani na Yemeni vyakozweko niyo ngingo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.