IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Burundi buriteguriye kwakira impunzi zihunga ingwano muri (...)

U Burundi buriteguriye kwakira impunzi zihunga ingwano muri kongo

vendredi 23 Munyonyo 2012

Kuva umuhari M23 ugwanya leta ya kongo ufashe igisagara ca Goma, umushikiranganji w’u Burundi ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu yavuze ko impunzi z’abakongomani zizohungira mu Burundi zizokwakirwa

Kuva mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka, umuhari w’abarwanyi M23 wiyonkoye ku gisisrikare ca kongo urabandanya intambara mu buseruko bwa congo cane cane mu ntara ya Kivu ya ruguru.

Mu ntango z’iyi ndwi, uwo muhari M23 warifatiye igisagara ca Goma ari wo murwa mukuru w’intara ya Kivu ya ruguru hamwe n’agasagara ka Sake.
Bavuga ko bashaka ibiganiro na Joseph Kabila, umukuru w’igihugu ca repubulika iharanira intwaro rusangi ya kongo kugira bavugane ibibazo bihanze ico gihugu. Ataraho ngo bazoruhuka batembagaje intwaro.

U Burundi bumenyesha ko bwiteguriye kwakira abanyagihugu bo muri Kongo bahunga izo ntambara. Umushikiranganji w’imigengeranire y’u Burundi n’amakungu ambasaderi Laurent Kavakure avuga ati ’’Iyo inzu y’umubanyi ihiye na rwawe iba yashikiriwe , nico gituma duca twihuta kuzimya. Intabara ziramutse zishitse ku mupaka w’u Burundi na kongo, hakaba abanyagihugu baza iwacu tuzobakira neza tubahe ubuhungiro naho bitoroshe’’. Naho biri uko, gushika nta mpuzi z’abakongomani ziraza mu Burundi.

Yamenyesheje kandi ko kuva italike 20 gushika italike 23 z’uku kwezi kwa Munyonyo arikumwe mu nama i Kampala mu gihugu ca Uganda n’abandi bashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini kugira batorere umuti ikibazo c’intambara yo mu buseruko bwa kongo.

Ikindi yavuze nuko umuhuza mu matati ya kongo Yoweli Kaguta Museveni, umukuru w’igihugu ca Uganda yasavye umuhari M23 gushira ibirwanisho hasi no kuva mu gisagara ca Goma. Joseph Kabila nawe ngo yemeye ko agiye kumviriza ivyo abarwanyi ba M23 bashaka abitorere umuti. Colonel jean Marie Vianney Kazaramna umuvugizi w’umuhari M23 wewe yatangaje icese ko badashobora kurekura igisagara ca Goma, ariko yaremeye ko M23 uzorungika intumwa mu biganiro mu gihugu ca Uganda.

Umumenyeshamakuru yigenga Mustafa Kemali Mulopwe twavuganye ari mu gisagara ca Goma yavuze ko kuruyu wa gatanu italike 23, agahengwe katanguye kuboneka imangazini n’amasoko birugurura abantu nabo baratangura gutembera ukuri kwamye.

Muatafa Kemali Mulopwe yatumenyesheje ko umuhari M23 wavuze ko mumasha atarenga 48 uzoba washizeho umukuru mushasha w’igisagara ca Goma hamwe na buramatari mushasha w’intara ya Kivu ya ruguru. Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru mushasha yegamiye umuhari M23 yaramaze gushirwaho.

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika carashize uwurogoye M23 General Sultan Makenga ku rutonde rwirabura rw’abantu baronderwa bakoze ivyaha vyomu ntambara. Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI nayo yarasohoye imitahe itatu y’abantu baronderwa mu barongoye umuri M23, bagirizwa gukora ibikorwa vyo mu ntambara, gushira abana mu bagwanyi no guhonyanga agateka ka zina muntu.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.