Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi : Uwacumise abasirikare yapfuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububirigi : Uwacumise abasirikare yapfuye

Ububirigi : Uwacumise abasirikare yapfuye

samedi 26 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ava mu giporisi c’Ububirigi avuga ko umwe mu basirikare bari bacungereye umutekano yaciye arasa uwo mugabo,aho yakomeretse cane, mu nyuma aza gupfira ku bitaro.

Abajejwe amatohoza ku vyerekeye ibitero vy’abihevyi bavuga ko uwo mugwanyi yari yitwaje imbugita yatambutse anyaruka cane agana ahari abasirikare batatu aca arabacumita mu mugongo. Ivyo yabikoze avuga ati : "Allah Akbar", bisigura : "Imana niyo nkuru".

Naho amazina y’uwo mwihevyi atamenyekana, bivugwa ko yavutse mu mwaka w’i 1987 akaba ari umubirigi akomoka mu gihugu ca Somariya. Yashitse mu Bubirigi mu mwaka wa 2004 aronka ubwenegihugu bw’ico gihugu mu mwaka w’2015.

Mwomenya ko ico gitero cabaye igihe c’isaha zibiri z’ijoro y’amasaha yaho mu gihugu c’Ububirigi, hagati mu gisagara hasanzwe hacungerewe cane n’abasirikare kuva aho habereye ibitero mu ntango z’umwaka w’2016 vyahitanye ubuzima bw’abantu 32.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.