Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Uwukekwako igitero yarashwe n’umusirikare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Uwukekwako igitero yarashwe n’umusirikare

Ubufaransa : Uwukekwako igitero yarashwe n’umusirikare

vendredi 3 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umusirikare w’umufaransa yari acungereye umutekano i Louvre, mu gisagara ca Paris yarashe uwukekwa kugira igitero, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru.

Bivugwa ko uwo musirikare yagizweko igitero n’imbugita, uwari amuteye akaba yakomeretse cane, nk’uko bivugwa na BBC.

Uwo yagize ico gitero yariko aragerageza kwinjira mu nzu ndangakaranga. Hari igikorwa c’umutekano gikomeye kiriko kirakorwa i Louvre hamwe no yandi mazu y’ubudandaji ahegereye.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ico gitero "gikomeye", abantu bose bakaba bavanywe i Louvre.

Umuvugizi w’igiporisi c’Ubufaransa avuga ko uwo yeteye yasemereye ngo "Allahu Akbar", bisigura mu carabu "Imani ni yo nkuru".

Nta bintu biturika yari yitwaje, ariko inkuru zikavuga ko yari yitwaje isandugu imwe canke zibiri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.