Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa bwasavye ishirwaho ry’igisirikare kirwanya iterabwoba muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa bwasavye ishirwaho ry’igisirikare kirwanya iterabwoba muri (...)

Ubufaransa bwasavye ishirwaho ry’igisirikare kirwanya iterabwoba muri Sahel

mercredi 7 Ruheshi 2017

Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yavuze ko badashobora kwemera akarere ka Sahel kaba ikirimbiro ry’abarwanyi bakoresha iterabwoba mu karere kose.

Iyo ngingo yo kurungika abasirikare mu karere ka Sahel ivuga ko abasirikare borungikwa muri ako karere bokoresha uburyo bwose bushoboka kugira barwanye iterabwoba,urudandazwa rw’ibiyayuramutwe n’urudandazwa rw’abantu.

Mu gihe iyo ngingo isaba umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU gufasha mu bijanye n’uburyo n’ibikoresho, Federica Mogherini ajejwe imigenderanire mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ko biteguye gutanga imiliyoni 50 z’abanyaburaya azofasha gushiraho ico gisirikare.

Ico gisirikare kizoba kigizwe n’abasirikare 10000 kizotwarirwa mu gihugu ca Mali,ariko ntikizotwarwa hamwe n’abasirikare 12000 ba Minusca.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.