Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumwe bwa Afrika : Abarundi bari bitoje ntibaronse amahirwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubumwe bwa Afrika : Abarundi bari bitoje ntibaronse amahirwe

Ubumwe bwa Afrika : Abarundi bari bitoje ntibaronse amahirwe

mercredi 1er Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama igira iya 28 y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika iheruka kubera i Addis Abeba muri Ethiopia, harabaye amatora y’abarongoye ibisata bitandukanye vyo mu biro nshingwabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.

Igihugu c’Uburundi cari carungitse amazina y’abantu batatu bazohiganwa n’abandi muri ayo matora, ariko bakaba batashoboye gutorwa. Abo nabo yari Ambassadeur Epiphanie NTAMWANA KABUSHEMEYE mu kibanza c’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano, Docteur Sabina NTAKARUTIMANA mu murwi ujejwe ivy’imibano hamwe na Saidi KIBEYA mu murwi ujejwe gutunganya ivy’abakozi hamwe n’ivy’ubuhinga n’ubushakashatsi mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.

JPEG - 114.8 ko
Muri iyo nama, Uburundi bwari bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Abatowe ni Smail CHERGUI wo muri Algeria arongoye igisata kijejwe amahoro n’umutekano muri uwo muryango, SAMATE Cessouma wo Burkina Fasso ajejwe ibijanye na poritike, ABOU Zeid Amani wo Egypte, ajejwe inyubakwa n’amasoko ntanganguvu, ELFADIL Amira Elfadil Mohamed wo muri Soudan, ajejwe ibijanye n’imibano, MUCHANGA Albert wo muri Zambia, ajejwe ubudandaji n’amahinguriro, hamwe na SACKO Josefa Leonel Correa wo muri Angola ajejwe ubutunzi hamwe n’uburimyi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.