Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya : Ibisigarira vy’indege yagize isanganya biriko biraronderwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Ibisigarira vy’indege yagize isanganya biriko biraronderwa

Uburusiya : Ibisigarira vy’indege yagize isanganya biriko biraronderwa

lundi 26 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bumenyesha ko amato, za kajugujugu hamwe n’izindi ndege zigenda zitarimwo umudereva "Drones" ziriko zirarondera indege yaguye mu Kiyaga cirabura.

Bimwe mu bimanyu vy’iyo ndege bimaze kuboneka mu mazi yo hafi ya Sochi nko ku kirometero n’igice uvuye ku nkengera z’amazi.

Iyo ndege -Tupolev-154, yarimwo abantu 92, abenshi bakaba bari mu mugwi w’abasirikare wa Alexandrov Ensemble, batunganya ibirori vy’iminsi mikuru, nk’uko tubikesha BBC.

Abo basirikare bari bitezwe kuremesha igiteramo ku kigo ca gisirikare c’Uburusiya hafi y’umuji wa Latakia muri Syria.

Muri abo bagize iryo sanganya, harimwo kandi n’abamenyeshamakuru hamwe n’abandi bakozi bo mu gisirikare.

Reta y’Uburusiya yatanguje kuri uwu wa mbere umunsi w’ikigandaro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.