Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu: Umuntu umwe arafatwa n’imibembe uko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu: Umuntu umwe arafatwa n’imibembe uko (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu: Umuntu umwe arafatwa n’imibembe uko iminota ibiri iheze

lundi 30 Nzero 2017

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA bumenyesha ko abantu 211000 bafatwa n’indwara y’imibembe ku mwaka ku mwaka,ni ukuvuga umuntu umwe mu minota ibiri,muri abo abashika 19000 akaba ari abana.

Mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwashize ahabona,mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya imibembe uhimbazwa kw ‘igenekerezo rya 29 Nzero,bumenyesha ko indwara y’imibembe ibandanya kwibonekeza mu gihugu.

Muri iryo tangazo,ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko intara zibangamiwe cane,ari intara zihana urubibe n’ibihugu vya Tanzaniya na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, nka Rutana, Bururi, Rumonge, Cibitoke, Bubanza na Makamba.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko mu mwaka wa 2016,abantu 419 aribo bamenyekanye ko bafashwe n’indwara y ‘imibembe.

Mu kurangiza ubushikiranganji bumenyesha ko indwara y’imibembe ivurwa igakira ,mu gihe umurwayi agiye kwa muganga hakiri kare.


IGIHE

Messages

  • Nikiza kijanye nibihano vyababandanya basesa amaraso! Imana iduharire kuko izo ningaruka! Ico kiza caheruka kuvugwa kera mu Burundi bwacu! Saba imbabazi tugaruke k,Uhoraho!Amen!

  • Ibiharuro bikwiye kuvurwa neza ko ari mu Burundi, Afrika canke kw’isi yose. Usomye yokwibaza ko mu Burundi hari abantu bashika 211,000 bafise imibembe!!!

  • Amagara meza Kuri Twese. Hama Nashaka Muzodusubiriremwo Neza Indwara Y’ imibembe N’ Inkurikizi Zayo Zose. Hama Mudutohoreze Ico Bitandukaniyeko/canke Bipfana N’izindi Nka Vitiligo(iyiyo Bayifata Ibisanzwe Nkuko Umenga Ntahizwi Muburundi,... Kandi Nizo Ntavuze Bisusa Muziduheko Umuco. Murakoze.

  • Amagara meza Kuri Twese. Hama Nashaka Muzodusubiriremwo Neza Indwara Y’ imibembe N’ Inkurikizi Zayo Zose. Hama Mudutohoreze Ico Bitandukaniyeko/canke Bipfana N’izindi Nka Vitiligo(iyiyo Bayifata Ibisanzwe Nkuko Umenga Ntahizwi Muburundi,... Kandi Nizo Ntavuze Bisusa Muziduheko Umuco. Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.