IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero bumenyesha ko bukiriha amatara n’amazi ku (...)

Ubushikiranganji bw’indero bumenyesha ko bukiriha amatara n’amazi ku mashure

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Ubushikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi buragabisha abayobozi b’amashuri barihisha abavyeyi amafaranga bavuga ko ari ayo kuriha amatara n’amazi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Juma Edouard amenyesha ko ubushikiranganji bubandanya kuriha amatara n’amazi ku mashure.

Juma Edouard avugira ubushikiranganji bw’indero amenyesha ko Reta iriha amatara n’amazi ku mashure bubicishije ku mafaranga batanga ay nayo akavuga ko yongerejwe gato muri uno mwaka wa 2017.

Mwomenya ko mu ntumbero yo gukoresha neza amatara n’amazi ku mashuri, hatangujwe isekeza ryo gutanga ivyuma biharura umuyagankuba wakoreshejwe (compteurs) vyo mu bwoko bwa Cashpower.


IGIHE

Messages

  • Uwo mushingantahe: Juma Eduard ndamwibuka akina muri Vital’O, Espoir, Bata ari umuDistributeur offensif ! Yari umukinyi mwiza cane.
    Mbega n’ubu aracatera agapira ?

  • Umushingantahe "Juma Edward" ndamwibuka akina muri Vital’O , Espoir, Bata kuri milieu offensif ar’umukinyi mwiza w’umuTitulaire.

  • @Sylvestre
    [Uwo mushingantahe : Juma Eduard ndamwibuka akina muri Vital’O, Espoir, Bata ari umuDistributeur offensif ! Yari umukinyi mwiza cane.
    Mbega n’ubu aracatera agapira ?]

    Abakinyi b’umupira w’amaguru bahagarika bashikanye imyaka 30.
    Hanyuma nawe urabaza umutama w’imyaka 50 irenga ko agikina?
    Uba mu gihugu cahe? Kuri Mars ngirango!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.