IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Ubushikirangaji bwo gutwara abantu n’ibintu bwarashikirije ivyaranguwe mu (...)

Ubushikirangaji bwo gutwara abantu n’ibintu bwarashikirije ivyaranguwe mu mezi 6 ya 2018

Thursday 2 August 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa gatatu ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu,umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yamenyeshekeko mu mezi 6 aheze ishirahamwe OTRACO ryashoboye gutwara abantu bangana ibihumbi 645.114 hongera hatangwa impapuro ibihumbi 29.069 zemeza ko imiduga ikwije ivya ngombwa (Controle Technique).

Uyo mushikirangaji avuga kandi ko murico kiringo bashoboye gutunganywa igituro c’aho imiduga iruhukira irishe amafaranga(Parking payant) mu Kamenge hamwe na asiranse y’imiduga ya reta 325 barishe y’uyu mwaka wa 2018.

Jean Bosco NTUNZWENIMANA yavuze ko mu give ca mbere c’umwaka wa 2018 indege zaciye ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura hamwe n’abafashe ingendo vyiyongeye aho indege zahaciye zingana 1344 hamwe n’ingenzi 103.830.

Mu gisata c’inyubakwa za Reta n’ibikorwa vyayo,uyo mushikiranganji avuga ko bitwararitse kuriha ibirarane vy’amafaranga vy’amazu Reta ipanze .


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.