IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutariyano : Ubwato butwaye abimukira bwankiwe kwinjira mw’izinga rya (...)

Ubutariyano : Ubwato butwaye abimukira bwankiwe kwinjira mw’izinga rya Malte

lundi 11 juin 2018

Umushikiranganji wa mbere mushasha w’igihugu c’Ubutariyano, Matteo Salvini, yavuze ko izinga rya Malte ryokwakira ubwo bwato bwa Aquarius ariko ryavyanse.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko izinga rya Malta rivuga ko ishirahamwe ritabara rya SOS Mediterrane ryakuye abo bimukira mu mazi ya Libiya, bisigura ko barabwa n’amategeko y’Ubutariyano.

Igihugu c’Ubutaliyano nico cinjiramwo abimukira benshi bava mu buraruko bwa Afrika baja ku mugabane wa Buraya.

Abatsinze mu matora aheruka mu gihugu c’Ubutariyano bari bemeye ko bagiye gufata ingingo ruhasha ku bimukira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.