Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutegetsi bwa Congo bwahagaritse ibikorwa vy’ukwubaka imva ya Etienne (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubutegetsi bwa Congo bwahagaritse ibikorwa vy’ukwubaka imva ya Etienne (...)

Ubutegetsi bwa Congo bwahagaritse ibikorwa vy’ukwubaka imva ya Etienne Tshisekedi

jeudi 9 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi bo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bategetse ko ibikorwa vyohagarara, vyo kwubaka imva y’uwahoze ari umuyobozi w’ihuriro ry’abatavuga rumwe n’Ubutegetsi, Etienne Tshisekedi, aheruka gupfira mu gisagara ca Bruxelles mu Bubirigi.

Ivyo bikorwa bihagaritswe mu gihe umuryango wiwe uheruka kumenyesha ko ikiziga ciwe kizoshikanwa aho muri Congo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Ntwarante 2017.

Umuvugizi wa Reta muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Lambert Mende mu kiganiro yatanze ku mboneshakure y’igihugu, yemeje ayo makuru, avuga mbere ko n’isango ry’ugushingura Tshisekedi ryigijwe inyuma.

Etienne Tshisekedi yitavye Imana kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2017 mu Bubirigi aho yari yagiye kwivuriza, ikiziga ciwe kikaba kimaze ukwezi kwumwe n’indwi imwe kitaratahukanwa mu gihugu c’amavukiro yiwe. Impari ziracari nyinshi hagati ya Reta n’umuryango wiwe wa poritike, ku kibanza yoshingurwamwo


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.