IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuyobozi bwa kaminuza nderabigisha ENS bwirukanye abanyeshuri (...)

Ubuyobozi bwa kaminuza nderabigisha ENS bwirukanye abanyeshuri 29

jeudi 11 Rusama 2017

Nk’uko biri mu rwandiko rwateweko umukono n’umuyobozi w’ivyigwa mw’ishuri kaminuza nderabigisha ENS, Dr Simon BISORE, abo banyeshuri bagirizwa ko batitavye akamo batewe n’ubuyobozi ko gusubira mw’ishuri kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza umwaka wa 2017.

Abo banyeshuri basanzwe biga mu bisata vy’indimi, igisata bigisha akahise, igisata bigisha ibiharuro, hamwe n’ibisata bigisha ubuhinga bwo kwubaka no gutunganya umuyagankuba.

Iyo ngingo yo kwirukana abanyeshuri bamwe muri kaminuza nderabigisha ENS ifashwe inyuma y’ikiringo kidashika ukwezi abanyeshuri basubiye kwinjira mu mashuri, inyuma y’iminsi yari iheze bahagaritse ivyigwa basaba ko itegeko rishasha rigenga agafashanyo gahabwa abanyeshuri risubirwamwo.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.