IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ugukwiragiza abigisha : "Igikorwa gikenewe ariko kititondewe"

Ugukwiragiza abigisha : "Igikorwa gikenewe ariko kititondewe"

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

J. N, ni umwe mu bigisha barungitswe gukorera ahandi. Yahora akorera kuri rimwe mu mashure yisumbuye yo muri zone ya Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura, ubu akaba yarungitswe gukorera i Kiganda mu ntara ya Muramvya, aho avuga ko amanutse i Bujumbura kuraba umuryango bimutwara amafaranga agera ku bihumbi 14 vy’amafaranga y’amarundi (14.000 Frs Bu). Uwo murezi avuga ko adashobora kuriha aho aba i Muramvya n’aho umuryango wiwe uba i Bujumbura.

« Umugambi w’ugukwiragiza abigisha wari ukenewe, ariko ko wari gukorwa witondewe, ntutandukanye abantu bubatse, abavyeyi hamwe n’abana. »

B.D uwundi mwigisha akorera mu ntara ya Muramvya, ariko yarungitswe kure y’umurwa mukuru w’iyo ntara aho yari asanzwe aba avuga ko amafaranga atanga ku munsi ku munsi kugira aje gukorera aho yarungitswe agera ku bihumbi bitandatu.

" Aho hantu nta miduga ijayo, ntegerezwa gufata ipikipiki, nkashika rimwe na rimwe nacerewe, kuko abunguruza abantu badakunda kujayo. Imvura iguye kiba ikindi kibazo."

Uburaro bw’abigisha ni kimwe mu bibera intambamyi abigisha bameye kuja mu bibanza barungitswemwo. Emile HAKIZIMANA, yigisha ibiharuro kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Cibitoke. Imbere y’uko ahindurirwa aho akorera, yigisha mu ntara ya Rumonge. Avuga ko kuriha inzu zibiri bitamworohera.

"Nari nsanzwe mfise akadeni mu banki, ubu ndabura n’uburyo bw’ukuja kuraba umuryango, n’uburyo bw’ukwiyunguruza nja ku kazi rimwe na rimwe ndabubura kubera agashahara gato mpembwa.”

Sendika y’abigisha SEPEDUC imenyesha ko igikorwa co gukwiragiza abigisha aho bakenye (Redéploiement) cakozwe nabi, bagasaba ko cosubirwamwo hisunzwe abiri ku rubuga, kuko ingingo bafatiyeko zidatuma akanovera k’inyigisho gatera imbere. N’agateka ka zina muntu ntikubahirijwe, nk’uko vyemezwa na Gerard NIYONGABO arongoye Sendika SEPEDUC.

“Bafashe ko umusore ariwe agenda ubwa mbere. Umusore agera ku myaka ingahe? Ashobora kuba ko uburyo butamwemereye ko agira ubugeni. None yoca abizira? Nk’umuntu yakora mu Ruyigi, umugabo ari mu Buyengero mu Rumonge. Bamurungitse kure y’umuryango, kandi na hafi yaho akazi akora kari gahari."

Uwo arongoye Sendika SEPEDUC avuga ko muri ico gikorwa, abigisha bashasha aribo bama bahagirira ingorane.

“Umushasha kw’ishure niwe agenda, mu gihe ico gikorwa c’ugukwiragiza abigisha kiguma gusubirwamwo. Kuva mu 2011 kiraba kandi kizobandanya. Aho uja uri mu mushasha, no mu kindi gihe uzoba uri mushasha.”, uko niko Gerard NIYONGABO arongoye SEPEDUC abishikiriza, aho amenyesha ko n’ibijanye n’uburyo baha umukozi kugira ashobore kuja mu kazi umukoresha amurungitsemwo ari gato, agereranije n’ayo bamwe mu bigisha batanga bariko biyunguruza baja ku kazi ka minsi yose aho barungitswe gukorera.

Sendika SEPEBU yizeye ko hatararengerana

Gerard NIYONGABO arongoye Sendika SEPEBU avuga ko bigishoboka ko ico gikorwa gisubirwamwo, agahamagarira umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA ajejwe inyigisho ko yobangira ku ngingo yafashe ko umwigisha ataraja aho yarungitswe gukorera yofatwa nk’uwataye akazi.

Umukuru wa SEPEDUC amenyesha kandi ko n’ivyashikirijwe na Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD bifatwa nk’iterabwoba ku bigisha bitakundiye kuja aho barungitswe. Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko abataraja aho barungitswe ari abadashaka akazi Reta yabahaye.
Gerard NIYONGABO agira ati :

“Bifatwa nk’iterabwoba yagize ku bigisha, kuko baramutinya, hari n’abashobora kuba batari muri uwo mugambwe baca batinya ko bokurwa. Ico ni ikibazo c’ubuhinga kirabwa kuva ku muyobozi w’ishure, kuduga gushika ku mushikiranganji, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, gushika ku mukuru w’igihugu ubwiwe. Abaye uwundi muntu atari muri izo nzego, biba vyerekanye ko n’uwo mushikiranganji ivyo ariko arakora atariko arigenga"

JPEG - 132.9 ko
Gerard NIYONGABO arongoye Sendika SEPEDUC

Sendika SEPEDUC yarandikiye umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abakozi n’abakoresha, uwo murwi CDS (Commission Nationale du Dialogue Social) ukaba wasavye abagize iyo Sendika ko botegura ibibazo bihari, babishikirize umurwi washizweho ujejwe gukwiragiza abigisha.

Muri Sendika SEPEDUC basaba abo vyashobokeye kuja aho barungitswe ko bobandanya ibikorwa, abo bidakunda nabo barindire ibizokorwa mu mibonano izoba hagati y’umurwi w’igihugu ujejwe ico gikorwa c’ugukwiragiza abigisha, hamwe n’abaserukira Sendika SEPEDUC.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • njye ndi mumujyi wa kigali iyo nkuru ijyane no kwimura abarimu babajyana gukorera kure kujyirango bateze uburezi imbere,mbona bitazatanga umusaruro,kuko umushahara bakorera nimuceya,bazayamarira mugutega bajya kwigisha,nibyabindi bavuga ngo ubeshya umuntu ko umuhemba nawe akakubeshya ko agukorera,ubworero mbona ntacyo bije gujyemura kuburezi muburundi,barebe neza aho icyibazo kiri bareke kugushakira aho cyitari.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.