Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabo wa mbere akuze kurusha abandi bose kw’isi yitavye Imana ku myaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugabo wa mbere akuze kurusha abandi bose kw’isi yitavye Imana ku myaka (...)

Umugabo wa mbere akuze kurusha abandi bose kw’isi yitavye Imana ku myaka 146

mardi 2 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Sodimedjo azwi kw’izina rya Mbah Ghoto, ni umunyagihugu wo muri Indonesia, akaba azwi nk’umuntu wa mbere akuze kw’isi yose, yapfiriye ku rugo iwe mu gace ka Central Java. Uwo mutama yitavye Imana afise imyaka 146.

Ivyangombwa vya Sodimedjo vyerekana ko yavutse mu mwaka w’1870. Umwuzukuru wiwe, Suyanto, yavuze ko uwo mutama yapfuye yari amaze iminsi atunzwe no kurya no kunywa ibintu bike. Umunsi yapfiyeko akaba yari yanse kugira ikintu na kimwe akoza ku munwa.

Uwo mugabo yari amaze gupfakara kane kose, yongera apfusha abana bose yibarutse. Mu buzima bwiwe bwa minsi yose, yakunda kuba ariko anywa agatabi, aganirira ababanyi biwe ibijanye na kahise ka Indonesia, ababwira ingwano Indonesia yarwanye n’Ubuyapani hamwe n’ingene ico gihugu cikuyeko abakoroni b’Abadagi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.