Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi wa Verizon w’ukugura Yahoo ushobora guhagarara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugambi wa Verizon w’ukugura Yahoo ushobora guhagarara

Umugambi wa Verizon w’ukugura Yahoo ushobora guhagarara

jeudi 15 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Udusandugu tw’ubutumwa bwa Yahoo tw’abantu barenga umuriyaridi twarinjiwemwo n’abantu batazwi kuva mu kwezi kwa Myandagaro 2013. Ico vyavuyeko ntawukizi nk’uko muri Yahoo babivuga, bigashobora kuba intambamyi ku mugambi wa Verison w’ukugura Yahoo.

Yahoo yamenyesheje kuri uwu wa 14 Kigarama 2016, ko yasubiriye kumenya ko hari abakoresheje uwo muhora atari benewo, mu kuraba ubutumwa bw’abantu barenga umuriyaridi bakoresha uwo muhora, ibitari bwigere bibaho.

Abakoresheje uwo muhora atari benewo bahinduye amazina, aho baba canke amatariki y’amavuka. Muri Yahoo bakamenyesha ariko ko ibijanye n’ububiko bwo muma banki bitakozweko, nk’uko vyemezwa na Loic Pialat, akorera Yahoo mu gisagara ca Los Angeles. Muri Yahoo bemeza ko bagerageje kugabisha abantu vyamenyekanye ko ububiko bwabo bwinjiwemwo n’abatari benebwo, hamwe n’ugufata izindi ngingo z’ukubakingira.

Umugambwi wa "Verizon Communication" ku mafaranga agera ku miriyaridi 4,83 z’amadorare ushobora kuburizwamwo kubera ivyo vyabaye, nk’uko vyemezwa n’ubuyobozi bwa Verison.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.