Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu Salva Kiir yasavye ikigongwe abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’igihugu Salva Kiir yasavye ikigongwe abanyagihugu

Umukuru w’igihugu Salva Kiir yasavye ikigongwe abanyagihugu

jeudi 15 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Sudani y’ubumanuko, Salva Kiir, yasavye ikigongwe abanyagihugu biwe, ku makosa yakoze muri kahise.

Ico kigongwe yagisavye kuri uwu wa gatatu, mw’ijambo yashikirije, ry’ukurangiza umwaka, iryo jambo akaba yarishikirije mu nama nshinganmateka.

Muri iryo jambo, yasavye kandi Reta kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara no gushiraho icuka ciza gituma abanyagihugu basubira kunywana.

Umukuru w’igihugu Salva Kiir yasavye ko hatunganwa ibiganiro bihuza abanyagihugu vyotumirwamwo abaserukira ibisata vyose biserukira igihugu, mu gihe intambara imaze imyaka itatu yasinzikaje igihugu.

Yanagabishije abakoresha imvugo z’urwanko, zibiba amacakubiri n’ubwicanyi, ko Reta izobafatira ibihano bikomeye.

Yarangije asaba abanyesudani y’ubumanuko guhagarika imvugo z’urwanko ku makungu na cane cane ku banyamerika no kw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


IGIHE

Messages

  • arko ubutegetse burimwiki?bantubimana.burimo amaraso yabantu?twibuka twasheshe.mbaz bene dada nida bapfa arinda ntaporitike iriho.ariko nibatureke twibereho.mana garukir afrika

  • Ubwo Nkurunziza peter azokwubahuka gusabimbabazi kumengo afise umutima nku wafarao wa Egiputa! ariko barateyiso kandi birababaje kubona umurongozi wicubahiro ahitamwo gusesa amaraso yabo yarajejwe gukingira! isi isi ya rashaje.

  • None,bizohereraho?Nibamute,mugasho,kamazi..Yumve,kobiryoshe,kwica,abanu,amareyo,imyaka5.Hanyuma,aroce,asaba,ikigongwe,abanyagihugu.NiMana.

  • Nibamufate,bmute,mugasho,kamazi,kuko,abo,yishe,nibeshi,abere,akarorero,abandi,ba,president,bomuri,afrika.Kuko,ukoze,inabi,iraguherekeza.

  • Nowera.NKURUNZIZA peter ahubwo dukwiye kumushimira.Kuko yakuye igihugu mu manga.Atandukanye na President wa Sudani.Imana imuhezagire cane.Imurinde abasi bigihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.