Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru wa al-Qaida yishwe n’abasirikare ba Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukuru wa al-Qaida yishwe n’abasirikare ba Amerika

Umukuru wa al-Qaida yishwe n’abasirikare ba Amerika

jeudi 9 Ruhuhuma 2017

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, ko umukuru w’umugwi al-Qaida, yari afitaniye imigenderanire na Oussama Ben Laden, yahoze arongoye uwo murwi, yiciwe mu gitero c’abasirikare ba Amerika.

Abou Hani al-Masri yishwe kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, ari mu modoka hafi y’igisagara ca Idlib, mu gihugu ca Siriya.

Al-Masri abaye umukuru agira kane w’umugwi al-Qaida yiciwe muri Siriya, nkuko vyamenyeshejwe n’umutegetsi mu gisirikare ca Amerika.

Abou Hani al-Masri yari kandi umwe mu bashinze umugwi w’iterabwoba w’aba jihadiste bakorera mu gihugu ca Misiri, akaba yaramaze kugira ibitero bitari bike ku nyubakwa za Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwamenyesheje kandi ko abagwanyi b’umugwi al-Qaida bashika kw’icumi, baguye mu gitero cakozwe n’abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika,kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 bari mu nzu aho bari basanzwe bahurira.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.