IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umusirikare wo mu bacunga umutekano w’umukuru w’igihugu c’Uburundi (...)

Umusirikare wo mu bacunga umutekano w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yirashe

lundi 7 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Colonel Gaspard BARATUZA umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi aremeza ayo makuru, akamenyesha ariko ko mu gisirikare c’Uburundi bataramenya icatumye Caporal Chef NISHEMEZWE yirasa. Colonel BARATUZA avuga ko amatohoza yatanguye, kandi ko ata kimenyetso na kimwe cari cerekana ko uwo musirikare yoba yari afise uburwayi bwo mu mutwe canke iyindi ngorane iyariyo yose.

JPEG - 47.4 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Caporal Chef NISHEMEZWE yari amaze amezi atandatu agarutse mu Burundi, avuye mu bikorwa vy’ukugaruka amahoro yari yarungitswemwo mu gihugu ca Centrafrika.

Uwo musirikare yavuka mu ntara ya Muramvya, akaba asize umugore n’abana bane. Ikiziga ciwe kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge.

Caporal NISHEMEZWE abaye umusirikare agira kabiri mu bacunga umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu apfuye yirashe mu kiringo kirenga gato umwaka umwe, inyuma y’uwirashe mu kwezi kwa gatandatu 2016, yongera akomeretsa mugenzi we mu masasu yumvikanye ahakorera umukuru w’igihugu c’Uburundi (Présidence de la République du Burundi), mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.