Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusuma w’amakareso yafatanywe ayagera ku 2000 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umusuma w’amakareso yafatanywe ayagera ku 2000

Umusuma w’amakareso yafatanywe ayagera ku 2000

dimanche 18 Munyonyo 2012

Utubutura two munsi y’impuzu bita i kareso turenga igihumbi twafatanywe umusuma mu gihugu ca Thaïlande. Yari yafashwe akekwa ko yoba yiba ibintu vy’inzahabu.

Ni umugabo afise imyaka 48 y’amavuka, igipolisi camuhagaritse ari iwe muhira mu gisagara ca Bangkok ,yari yagirizwa kwiba ibintu vy’agaciro nk’inzahabu ariko yafatanywe ama kareso menshi. Inzahabu igipolisi camufatanye ni nkeya gusa zari zambawe n’umugore wiwe mw’izosi no ku maboko.

Umupolisi yaharuye ayo ma kareso avuga ko yarenga kure ibihumbi bibiri. Uwo musuma yariyemereye ko iyo yivye i kareso aryoherwa. Uwo mu polisi yavuze kandi ko mu kwiba ayo ma kareso, uwo musuma yahora aja gutembera mu ncuti n’abagenzi hanyuma akagenda ahivye nka zibiri canke zitatu.

Gushika ubu nta muntu n’umwe aramwitwarira ko yamwivye i kareso ariko no mu kwezi kwa mbere yari yafatanywe naho nyene ama kareso menshi mu muduga wiwe. Yavuze ko afise ama kareso arenga ibihumbi cumi wenyene.


Diomede K.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.