Accueil > Amakuru > umutekano > Umutamakazi w’imyaka 64 yatowe ikiziga ku ruzi Nyagonga
Umutamakazi w’imyaka 64 yatowe ikiziga ku ruzi Nyagonga
lundi 4 Nyakanga 2017, par
Ico kiziga catowe kireremba ku ruzi Nyagonga ruri aho mu ntara ya Kayanza. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo mutamakazi yamenyekanye.
Uwo atawuramenya icamwishe ni NYANDWI Elisabeth w’imyaka 64. Mu giporisi mu ntara ya Kayanza barashitse kuraba ico kiziga (Constat), bakavuga ko amatohoza yatanguye.
Abantu babiri bakomerekejwe na Gerenade mu Kirundo
Igisasu ntezwaminwe (Grenade) catewe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha imwe ku musozi Kigoma, komine Busoni, intara ya Kirundo cakomerekeje abantu babiri.
Iyo gerenade yatewe ku rugo rw’uwitwa NDUWIMANA Hassan, ikaba yakomerekeje abantu babiri bariko bavurirwa kw’ivuriro ritoya rya Burara.
Umugabo azwi kw’izina rya NZOBONIMPA Emmanuel w’imyaka 53 niwe yafashwe n’igiporisi mu matohoza, akaba apfungiwe ku gasho k’intara ya Kirundo.
Egide NDUWIMANA