IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umutamakazi w’imyaka 64 yatowe ikiziga ku ruzi Nyagonga

Umutamakazi w’imyaka 64 yatowe ikiziga ku ruzi Nyagonga

lundi 4 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ico kiziga catowe kireremba ku ruzi Nyagonga ruri aho mu ntara ya Kayanza. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo mutamakazi yamenyekanye.

Uwo atawuramenya icamwishe ni NYANDWI Elisabeth w’imyaka 64. Mu giporisi mu ntara ya Kayanza barashitse kuraba ico kiziga (Constat), bakavuga ko amatohoza yatanguye.

Abantu babiri bakomerekejwe na Gerenade mu Kirundo

Igisasu ntezwaminwe (Grenade) catewe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha imwe ku musozi Kigoma, komine Busoni, intara ya Kirundo cakomerekeje abantu babiri.

Iyo gerenade yatewe ku rugo rw’uwitwa NDUWIMANA Hassan, ikaba yakomerekeje abantu babiri bariko bavurirwa kw’ivuriro ritoya rya Burara.

Umugabo azwi kw’izina rya NZOBONIMPA Emmanuel w’imyaka 53 niwe yafashwe n’igiporisi mu matohoza, akaba apfungiwe ku gasho k’intara ya Kirundo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.