IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umuvugizi w’igipolisi yagiriza ubutungane kurekura inkozi z’ikibi

Umuvugizi w’igipolisi yagiriza ubutungane kurekura inkozi z’ikibi

vendredi 14 Mukakaro 2017

Mu burorero bwatanzwe n’umuvugizi w’igipolisi,harimwo Osman NDAYISHIMIYE yagirizwa kwiba akoresheje amayeri escroquerie,yafatiwe mu ntara ya kirundo ariko agerageza guhunga iguhugu agiye mu gihugu c’Urwanda,afise imiriyoni 150.

Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko Osman NDAYISHIMIYE ari mu bacafuze ishusho y’igihugu kuko yakoze ibikorwa vyinshi yiba n’amafaranga menshi abantu n’amahinguriro atandukanye.

Pierre NKURIKIYE yavuze k Osman NDAYISHIMIYE yafashwe mu gihe asanzwe afise amadosiye menshi amukurikirana mu butungane ajanye n’ubusuma.

Akandi karorero k’abahagaritswe bagirizwa ubugizi bwa nabi hanyuma bakarekurwa n’ubutungane ni NYANDWI Deogratias na NDIKUMANA Protais bafatiwe i Nyanza Lac bafise inkoho,ariko mu nyuma barekurwa na sentare isubiramwo imanza y’intara ya Bururi.

Umuvugizi w’igipolisi avuga kandi ko hari abateye grenade muri zone ya Musaga bahagaritswe hari n’ivyemezo ariko mu nyuma basubira kurekurwa n’ubutungane.

Pierre NKURIKIYE avuga ko imwe mu bihungabanya umutekano ari uko igipolisi gifata inkozi z’ikibi, bagakoresha ubuhinga bafise n’ivyemezo mu gukora amadosiye, babarungikiye ubutungane hadaciye na kabiri bakarekurwa.

Umuvugizi w’igipolisi avuga ko bibabaje ko abantu baba bahagaritswe bagashikirizwa ubutungane hatanzwe n’ivyemezo akaba aribo bagaruka guhungabanya umutekano.

Umuvugizi w’igipolisi asaba ko abajejwe umutekano iyo bashikirijwe inkozi z’ikibi bobakurikirana bakabaha ibihano bibabereye kuko igihe barekuwe baca bagaruka kwigamba,bagasubira no gukora ivyaha.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ivyo umuvugizi w’Igipolisi avuze ndabishigikiye kandi ndabishimye. Inkozi z’ikibi izarizo zose zari zikwiye guhwanwa. Ubona yotubwira / yodutohoreza naho igituma ibihangange vyo hejuru bidafatwa canke n’iyo bifashwe bigaca birekurwa, turavye nk’ubwo burorero bwatanzwe?

  • YEMWE TWAZA TWABONUMUGABO PE!! AHANGAY,AKAVUG,IVYUBUTUNGANE BUKORA ZUBABWIRA MUTAMA BARATUREMBEJE KUBERA IBITURIRE NKUYO ASMAN NIZO MIRIYONI YOMARAYO KABIRI ? MUGABO BIRABABAJE KWERI.

  • abaporisi Bamwebamw Bashaka Kurya Igihugu Mumpish Ukamenga Ntibahembwa Nibatungwe Nutwo Bafis Barek Kurya( Igiturir :abacamanz Nabandi Bamwebamwe)ntibitahurits Kuba Wokwambika Izer Inkoz Zikib Kand Habaharih Ivyemez )

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.