Home > Amakuru > Jean Claude KARERWA avuga ko ivyo kuva mu murwi ujejwe agateka ka zina (...)
Jean Claude KARERWA avuga ko ivyo kuva mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu bimanza kwigwa
Friday 28 September 2018, by
Mu Kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018,Jean Claude KARERWA yamenyesheje ko ivyo reta ishikirizwa canke isabwa n’abanyagihugu canke n’amashirahamwe reta ivyakira igaheza ikavyiga ariko kubijanye no kuva muruyo murwi atovuga ko ari uyu musi canke ejo kuko bimanza kwigwa.
Jean Claude KARERWA yavuze ko reta yinjiye mw’ishirahamwe ikabona ko ikwiye kuyivamwo iravyicarira hama igatanga inyishu.
Jean Claude KARERWA avuga ko reta ibonye ko hari akunguko ivuye mw’ishirahamwe iri canke iriya iraheza ikabikora.
Vianney BIKORIMANA
Forum posts
30 September 2018, 17:09, by Mybad
Ni mwivire mwo no muri ONU na UA .none kera kubtwaro ya cami abarundi ntibari babaye ho ata mashirahamwe mpuzamakungu ariho .Ahubwo n abaserukira igihugu mu makungu bose ni bitahire hanyuma dutegerere ku mbihe aboruvogera.