IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umwe mu bashingamateka bayoboka RWASA aranegura ivyashikiye abari (...)

Umwe mu bashingamateka bayoboka RWASA aranegura ivyashikiye abari bapfungiwe i Ngozi

mardi 30 Rusama 2017

Célestin NDIHOKUBWAYO arongoye umurwi w’abashingamateka bayoboka RWASA Agathon amenyesha ko bitumvikana ingene abantu bohagarikwa ataco bazira, bakagirizwa ko bari mu nama itazwi n’amategeko, bagapfungwa amezi atatu yose.

Nk’uko uwo mushingamateka abishikiriza, abo barekuwe, mu gihe hari abandi bapfungiwe i Makamba, Bujumbura n’ahandi, nabo nyene bagirizwa icaha c’ugukora inama zitazwi n’amategeko. Yatanze akandi karorera k’abayoboke ba RWASA Agathon bafatiwe mu kigandaro ca mugenzi wabo, nabo nyene bakagirizwa ko bari mu nama itemewe n’amategeko.

Uwo mushingamateka agatangazwa ingene abantu bari mu bunywero bokwagirizwa icaha nk’ico kandi ata kintu na kimwe bafatanwe cerekana ko bari mu nama.

NDIHOKUBWAYO avuga ko ako ari akarenganyo, kandi ko gupfungira umuntu ubusa ari icaha gihanwa n’amategeko mpuzamakungu. N’ihadabu batangishijwe ntaho ryanditse mu bitabu mpanavyaha, nk’uko vyemezwa n’uwo mushingamateka, agasigura ko urwi ari uruhigi rukorerwa abayoboke ba RWASA Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi. Abo bayoboke ba RWASA Agathon barekuwe kuri uwu wa mbere, inyuma y’amezi atatu bari bamaze bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega. Bari bafashwe na Musitanteri wa komine Ngozi, mu gihe bari mu bunywero bariko babarasangira.

Umwe wese muribo yategetswe ko arekurwa abanje gutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy’amarundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.