IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Urwego CNC ruriyamiriza ivyashikiye abamenyeshamakuru 3 b’iradiyo y’imico (...)

Urwego CNC ruriyamiriza ivyashikiye abamenyeshamakuru 3 b’iradiyo y’imico kama

Tuesday 28 August 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ,umukuru w’urwego CNC Nestor BANKUMUKUNZI yamenyesheje ko abo bamenyeshamakuru 3 babujijwe gukora akazi kabo n’igiporisi,barenganijwe kuko batashoboye gukora igikorwa cari kibazindukanye.

Nestor BANKUMUKUNZI avuga ko abaporisi bashatse kubafata nkabariko barahabura ukutumvikana hagati y’imiryango 2 yariko ipfa itongo ntibemererwa gukora akazi kandi barerekanye ibibaranga.

Uyo arongoye urwego CNC avuga ko naho umuvugizi w’igiporisi yemeza ko abo bamenyeshamakuru batafashwe nabi kubwabo ico bazi aruko batashoboye gukora akazi kari kabajanye.

Nestor BANKUMUKUNZI asaba ko iyo myifato itosubira,akongera agatera akamo ugukorera hamwe kwiza hagati y’abamenyeshamakuru n’izindi nzego mu gihugu ku neza y’abanyagihugu.


IGIHE

Forum posts

  • None C.N.C.ntiyofatira ibihano abo babuza abantu kwikorera amabanga bashinzwe. Izi gusa gufatatira ibihano ibimenyeshamakuru gushika n’aho bimwe vyankiwe ko ata bantu bogira ico bashikirije. Mu Burundi biragoye ko ibintu bihinduka ibintu vyifashe gurtyo.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.