Accueil > Amakuru > umutekano > Uwahoze ari Musitanteri wa komine Kirundo yishwe acumiswe imbugita
Uwahoze ari Musitanteri wa komine Kirundo yishwe acumiswe imbugita
mercredi 29 Munyonyo 2017, par
Uwo yagandaguwe ni umunywanyi w’umugambwe UPRONA ishami riyoboka umushingamateka Karori NDITIJE, akaba yari asanzwe ari icegera c’umunyamabanga w’uwo mugambwe mu Kirundo, yategerewe mu gihe yari ashitse hafi y’urugo rwiwe ruri ku murwa mukuru w’iyo ntara.
- Serges BARUTWANAYO yishwe n’abantu bamutegereye atashe
Mu giporisi bamenyesha ko uwo yahoze ari Musitanteri wa komine Kirundo yategerewe n’abantu babiri, bamucumita imbugita incuro nyinshi, nk’uko bibonekera ku kiziga ciwe. Serges Barutwanayo yitavye Imana ariko ajanwa kuvurirwa ku itaro bikuru vy’intara ya Ngozi.
Serges BARUTWANAYO yabaye Musitanteri wa Komine Kirundo kuva mu mwaka w’1994 gushika mu 2003.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko umuntu umwe ariwe yafashwe.
Mu yandi makuru y’umutekano, hari ikiziga c’umwana akiri muto catowe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri ku kiraro ca Ntahangwa kigabura zone ya Cibitoke na Ngagara, uruhande rw’aho bita "Kurya Kanyoni."
Ikiziga c’uwo mwana cazanwe n’amazi y’imvura yaguye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, kikaba cazananye ku ruhande rwa zone Kamenge. Abajejwe intwaro muri zone Cibitoke baciye bafata ingingo y’ugutwara ico kiziga mu buruhukiro, mu kurindira ko umuryango w’uwo mwana umenyekana.
Egide NDUWIMANA
Messages
1er Kigarama 2017, 08:57, par kigabo jean marie
iruhukire mu mahoro ncuti yanje, ndakwibuka dukina agapira mu Rugari ( kw’ishuri ) abasigaye mwibuke ko nkurumbi yarisemereye ko muzohera nk’ifu yiminjira.
1er Kigarama 2017, 14:58, par Hicuburundi
Serge Barutwanayo Imana imwakire mu bayo,birazwi ko azize Imbonerakure zamurondeye kuva kera