IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Umukuru mushasha w’urwego CNC yashikirijwe amabanga

Umukuru mushasha w’urwego CNC yashikirijwe amabanga

Thursday 14 June 2018, by vianney

Mu birori vyo kubisikanya hagati yuwahora ajejwe CNC hamwe n’umukuru mushasha w’urwo rwego, Ramadhan KARENGA yahora arongoye CNC yamenyesheje ko ibikorwa asigiye uwumusubiriye ari ibijanye no gutanga ikarata ku bamenyeshamakuru.

KARENGA Ramadhan yamenyesheje kandi ko, uwumusubiriye amusigiye kandi ibikorwa bijanye no kwihweza neza amasezerano ari hagati ya CNC n’ibimenyeshamakuru bitandukanye hamwe n’ibijanye no kugura ibikoresho bigezweho bifasha mu kazi.

Nestor BANKUMUKUNZI agiye kurongora CNC yasavye abamenyeshamakuru batariyandikisha muri CNC gukora ico gikorwa kugira bazoronswe ikarata yongera asaba abakorera murico gisata kuzokwama bashira imbere kuvugana mu gihe hari ikibazo icarico cose mu ntumbero yo gutora inyishu ikibazo.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.