Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwuserukira Israel muri Amerika yatumweko kwisigura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uwuserukira Israel muri Amerika yatumweko kwisigura

Uwuserukira Israel muri Amerika yatumweko kwisigura

lundi 26 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji wa mbere wa Israel yahamagaje uwuserukira Amerika muri Israel kugira yisigure inyuma y’itorwa ry’itegeko rya ONU ribuza ico gihugu kubandanya kwubaka mu karere ka Palestine.

Benjamin Netanyahu, ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire, yafashe ingingo idasanzwe yo guhamagaza uwuserukira Israel muri Amerika, Dan Shapiro, mu biro vyiwe.

Ivyo bibaye inyuma y’aho Israel ihamagarije abandi baserukira ibihugu vyabo bashigikiye ingingo ya ONU yatowe kuri uwu wa gatanu. Ni inyuma kandi y’aho Israel imenyeshereje ko izofatira ingingo ruhasha ibihugu vyagize uruhara mu kwemeza ingingo ya ONU ico gihugu kivuga ko iteye isoni, nk’uko tubikesha BBC.

JPEG - 84.6 ko
Dan Shapiro, aserukira Israel muri Reta zunze ubumwe za Amerika

Iyo ngingo inebagura cane ibikorwa vyo kwubaka mu karere ka Palestine Israel yigaruriye muri West Bank no mu buseruko bwa Jerusalem, yemejwe inyuma y’aho Amerika idakoreshereje ijwi ryo kuyihagarika ahubwo igahitamwo kwifata ntigire ico irivuzeko.

Israel yaciye yagiriza Amerika, incuti yayo ariko iterekwa ivyo bikorwa vyo kwubaka mu turere bigaruriye, ko iri inyuma y’iyo ngingo, ivyo Amerika iguma ihakana.

"Ku nkuru dufise, nta gukekeranya ko ubutegetsi bwa Obama ari bwo bwabikoze, burashigikira iyo ngingo, bufasha kuyishira mu bikorwa kandi busaba ko itorwa," uko niko umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze.

Iyo ngingo ya mbere kuva mu 1979 inebaguye poritike ya Israel yo kwigarurira uturere twa Palestine ivuga ko iyo poritike idakurikije amategeko kandi ko ihonyanga amategeko mpuzamakungu, ikaba ari n’inzitizi ku nyishu y’ibihugu bibiri vyotegerejwe kubana mu mahoro.

Netanyahu na Obama ntibigeze bagirana imigenderanire myiza mu biringo bibiri Obama amaze ku butegetsi, kandi Israel yamye ifise ubwoba ko ubutegetsi bwiwe bufata mwene izo ngingo mu ndwi za nyuma z’ubutegetsi bwiwe.

Umukuru w’igihugu aherutse gutorwa wa Amerika, Donald Trump, yanditse kuri Twitter, ko itorwa ry’iyo ngingo ari agahombo gakomeye kuri Israel, bikazotuma bigorana kugiriranira ibiganiro vy’amahoro, ariko yiyemeza kuzobibandanya.

Donald Trump yatumye iyo ngingo ivanwa ku rutonde rw’ivyigwa ku musi wa gatanu, yemeye ko ibintu bizoba bitandukanye muri ONU niyamara gushikira ubutegetsi kw’igenekerezo rya 20 z’ukwezi kwa mbere.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.