IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Morgan Tsvangirai atavugarumwe na Reta yitavye Imana

Zimbabwe : Morgan Tsvangirai atavugarumwe na Reta yitavye Imana

jeudi 15 février 2018

Urupfu rwa Morgan Tsvangirai rwamenyekanye mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu rumenyeshejwe n’icegera ciwe mu burongozi bw’umugambwe MDC, abicishije ku rubuga rwa Twitter.

Morgan Tsvangirai yitavye Imana ahitanywe n’indwara ya Cancer, mu bitaro biri mu gisagara ca Johannesburg , mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Morgan Tsvangirai yari amaze imyaka 15 arwanya ubutegetsi bwa Robert MUGABE, nawe nyene aherutse gukurwa mu mabanga yo kurongora igihugu n’umugambwe wiwe Zanu PF.

Urugamba rwo kurwanya ubutegetsi bwa Robert MUGABE, Morgan Tsvangirai yarutanguriye mu masendika, gushika naho ashika ku rwego rwo gutanguza umugambwe wahavuye ugira inguvu zikomeye.

Morgan Tsvangirai yitavye Imana, yari aherutse gushikiriza ko atazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ariko ko umwe mu vyegera vyiwe mu burongozi bw’umugambwe Nelson Chamisa, ariwe azohangana n’umukuru w’igihugu wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa, mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 32.7 ko
Morgan Tsvangirai yitavye Imana afise imyaka 65

Morgan Tsvangirai yarapfunzwe incuro nyinshi, aranakubagurwa n’ubutegetsi bwa Robert MUGABE akiri ku butegetsi bw’igihugu ca Zimbabwe, akaba yaragirijwe kenshi gukorana n’ubutegetsi bw’igihugu ca Afrika y’Epfo.

Morgan Tsvangirai yitavye Imana afise imyaka 65 y’amavuka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.