Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe: Robert Mugabe ari muri Singapore kwivuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Robert Mugabe ari muri Singapore kwivuza

Zimbabwe: Robert Mugabe ari muri Singapore kwivuza

jeudi 2 Ntwarante 2017

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe, ari mu gihugu ca Singapore kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 1 Ntwarante, umwaka wa 2017, ah yagiye kwivuza kubera amagara yiwe atifashe neza.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Robert Mugabe , George Charamba, yabwiye ikinyamakuru The Herald ko umukuru w’igihugu ca Zimbabwe w’imyaka 93 y’amavuko azogaruka mu gihugu mu ndwi ya kabiri y’ukwezi kwa Ntwarante .

Igihe yahimbaza isabukuru y’imyaka 93 y’amavuko kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert MUGABE yavuze ijambo mu kiringo kirenga isaha.

Naho Robert Mugabe akunda kuja mu gihugu ca Singapore agiye kwisuzumisha, biravugwa ko amagara yiwe atera aremba.

Robert MUGABE yagiye ku butegetsi mu mwaka w’1980,arakunda kuja mu gihugu ca Singapre agiye kwisuzumisha, ariko bikavugwa ko amagara yiwe abandanya gusinzikara.

Robert MUGABE niwe mukuru w’igihugu wa mbere akuze gusumvya abandi kw’isi.


IGIHE

Messages

  • Il attend quoi pour mourir? On attend aussi la mort de Paul BIYA au Cameroun! Ces foutus de vieux qui sacrifient leurs Peuples pour leur ventre!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.