IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Aba JRR bagirizwa gutera Gaston Sindimwo bizeye kwambikwa izera inyuma (...)

Aba JRR bagirizwa gutera Gaston Sindimwo bizeye kwambikwa izera inyuma y’amasaha 48

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Abakekwa kuba aribo bateye ibisasu ntezwaminwe Gaston Sindimwo umunywanyi wo muri UPRONA ishami ryo kwa Concilia Nibigira, barengutse mu ntahe y’umwiherero aho na Gaston Sindimwo yari yarengutse.

Umwe mu bashingwamanza batatu baburanira abo ba JRR akaba yamenyesheje ko yizeye ko abo aburanira bagiye kwambikwa izera bagasubira kwidegemvya, kuko muri urwo rubanza, ivyo Sindimwo Gaston yavuze, atanakimwe cotuma abo aburanira bagumizwa mw’ibuye. Bimwe ndetse akaba ari ivyo Gaston Sindimwo yavugiye ku maradiyo n’ibinyamakuru, ko abamuteye atabo yabonye, ariko ubu akavuga ko muri abo babiri, umwe yamwibutse, ariko ndetse akaba atanakimwe yerekanye ko ariwe yamuteye ku muhana iwe.

Gaston Sindimwo ari muri UPRONA ibaba rya Konsiriya Nibigira umunsi avuga ko yaraye ahatswe

Umushingwamanza Bienvenue Niyongabo akavuga abo aburanira bagiye gufatwa amasanamu aho bari bapfungiwe mu biro vy’igiporisi kijejwe amatohoza BSR, kandi bikavugwa ko Gaston Sindimwo ari we yoba yaratumye abaja gufata amasanamu Fabrice Shurweryimana, aho yari apfungiwe. Uyo mushingwamanza akavuga ko yizeye ko mu masaha 48, abo aburanira bazokwidegemvya hamwe atakindi coba kibiri inyuma y’iryo pfungwa rya Lionel Ninteretse atwara JRR muri komine ya Kanyosha hamwe na Fabrice Shurweryimana.

Mu kamenya ko Abadasigana ba UPRONA batari bake barwiriyemwo aba JRR bari bishikiye muri sentare, co kimwe n’indongozi z’umugambwe UPRONA ishami ry’umushingamateka Karori Nditije. Muri abo, hari Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA n’uwurongoye umuhari w’abarundikazi UFB basanzwe bamuka mu mugambwe UPRONA.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.