Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba miss burundi bageze he ?(miss Burundi 2012 : Melodie Mbonayo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Aba miss burundi bageze he ?(miss Burundi 2012 : Melodie Mbonayo (...)

Aba miss burundi bageze he ?(miss Burundi 2012 : Melodie Mbonayo )

lundi 2 Nyakanga 2013

Kuva mu mwaka wa 2009, buri mwaka haratorwa miss burundi. Kenshi abantu bakibaza iyo abo miss bageze, ivyo baranguye n’ibindi n’ibindi. Ninayo ntumbero ikinyamakuru IGIHE kiriko kiragerageza gutorera inyishu bimwe mu bibazo abantu boba bafise ku vyerekeye ibikorwa baranguye, vyoshobora gufasha abandi bipfuza kuronka iryo teka ryo kwitwa umu miss burundi.

Ikinyamakuru IGIHE kikaba carondeye abamaze kuronka iryo bakwe ryo gutsindira iryo higanwa mu gihugu cose. Iyi nkuru ikaba iri ku rutonde rw’izindi turiko turategura kubagiye baraba aba miss Burundi.

Miss burundi 2012 Mélodie Mbonayo

Uwatahukanye urugori rwa miss burundi 2012, yabaye umwigeme Mélodie Mbonayo. Melodie Mbonayo rero, yavukiye mu ntara ya Gitega mu mwaka wa 1989, muri karitiye Nyamugari. Amashure mato yayize mu gihugu ca Misiri, ayandi nayo mu gihugu c’Ububiligi. Kuko afise abavyeyi biwe basanzwe bakorera mun makungu, igice kimwe c’amashure yisumbuye yacize mu budagi ikindi aciga muri Tanzaniya, imbere y’uko agaruka mu gihugu c’amavukiro, ndetse amashure yiwe yisumbuye akaba yayarangirije kw’ishure lycée clarté Notre Dame ya Vugizo i Bujumbura. Uno munsi, Melodie Mbonayo ariko arandika igitabo ciwe co guheza amashure ya kaminuza kimwe bita mémoire kuri kaminuza Umuco y‘ ibujumbura mu gisata c’amategeko.

IGIHE :Ni akahe kunguko woba warakuye mu kuba waratoye ngube miss Burundi ?

Miss Mélodie : Kuba miss burundi vyarampaye izina, ryongereje ibiro kuco nsanzwe ndi. Kuba narashoboye kumenyekana vyampaye akaryo ko gushobora gutanga ubutumwa ku bantu benshi. Kuba miss Burundi vyaranyugururiye imiryango myinshi, mbere nararonse akaryo ko ko kubonana n ‘abategetsi bakuru bakuru bo muri kino gihugu. Aha mbere novuga nka nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu cacu. Iryo zina ryaratumye ndonka n ‘udushimwe ( aramwenyuye ), kuronka umuduga si ubusa.

IGIHE: Ni ibihe bikorwa mwararanguye kuva mutorwa, mukambikwa urugosri rwa miss Burundi ?

Miss Melodie :inyuma yuko ntorwa mu kwezi kwa kigarama 2011, narashoboye gufasha impfumvyi zo mu kigo c ‘i gitega. Narabahaye ibikoresho vy‘ishure ku mfashanyo y ‘ishirahamwe rifasha mu gutumatumanako amakuru Leo. Naragendeye kandi ndongera ndatanga imfashanyo ku kigo c’impfuvyi zikiri inzoya. Mu bisanzwe umugambi mukuru wanje wari uwo gukingira ibidukikije, hamwe n’isuku ariko rero ntawo naranguye kuko nahuye n’ingorane yo kubura uburyo.

Umwaka w ‘2012, usanzwe wari n’umwaka wa yubile aho twibuka imyaka 50 iheze twikukiye, aho nadodora hose bambwira ko amahera ahari ari ayo gukoresha urubanza rwa yubile. Ariko n’ubu ndacarondera kandi ndizeye ko nzoronka. Ku Bwanje ndabona ko ibidukikije ari ikintu gikomeye cane ico ukoreye ibidukikije cose uragisubizwa.

IGIHE :Ni izahe mpanuro woha abandi bigeme nkawe bipfuza gutorwa nabo bakaba miss Burundi ?

Miss burundi : Abigeme b ‘Uburundi bashaka kuba miss Burundi ntibakwiye guterwa ubwoba nivyo bazobiyumvirako canke bakabavuga. Nibashire amanga kandi bagire intumbero mu buzima kandi baziteho. Kubwanje nta kibi na kimwe nabonye mu kwitwa miss Burundi. Kuri ubwo ndabatera intege, nibagerageze kuronka ico cubahiro, nta ntambamyi nimwe iri mu kwitwa miss Burundi.

IGIHE
: nk ‘umu miss, ni akahe kajambo wobwira abarundi bariko baratwumviriza ?

Miss Mélodie :Nobwira abarundi bagerageze baze bariyumvira bene wabo, umurundi ntiyiyumvire kwiteza imbere wenyene, ahubwo yiyumvire guteza imbere na mugenzi we. Kandi bigenze gurtyo uwurinyuma ntazosubira gucereza uwugomba gUtera imbere. Bigenze gurtyo rero iterambere rizoba ku barundi bose.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.