IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira abafatiwe ku ngoro ya MSD bunguruje urubanza

Ababuranira abafatiwe ku ngoro ya MSD bunguruje urubanza

mardi 1er Ndamukiza 2014

Ababuranira abanywanyi 44 ba MSD bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba bunguruje urubanza, bakizera ko ubutungane bwiyambika umutamana, urubanza rusubire kuburanishwa, amategeko yubahirijwe.

Ababuranira abafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD baratangajwe n’ukubona ubutungane bwarabimye ijambo kuvyo bariko barasaba, bakamenyesha ko ribaye irya mbere kw’isi, aho abashingwamanza bankirwa guhabwa umwanya wo gusoma ivyo abo bafasha kuburana bagirizwa. Abo bashingwamanza bamenyesha ko urubanza abo banywanyi ba MSD baciriwe rutubahirije amategeko, kuko hari abatari bwaronke ababafasha kuburana, abandi nabo bakavuga ko batashoboye kuronka umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, bari kumwe n’abashingwamanza babo. N’aho basavye kwongerwa umwanya imbere y’uko baburana, nticabujije ko bamwe muribo bacirwa umunyororo wo guherayo, abandi nabo bahabwa igihano c’umunyororo w’imyaka 15.

JPEG - 66.6 ko
Dieudonné Bashirahishize, umwe mubaburanira abanywanyi ba MSD bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Dieudonné Bashirahishize, umwe mubaburanira abo banywanyi amenyesha ko bashimye kwunguruza urubanza kugira basabe ko urubanza rwaciwe rwofutwa, rusubire kuburanishwa gushasha amategeko yubahirijwe. Uwo mushingwamanza yizera ko ubutungane buzokwiyambika umutamana, butunganirize bose, kandi butumeko n’abaporisi barashe abanywanyi ba MSD, kugira nabo bumvirizwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.