IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira abafatiwe ku ngoro ya MSD ntibatangazwa n’ukubona barabimye (...)

Ababuranira abafatiwe ku ngoro ya MSD ntibatangazwa n’ukubona barabimye ijambo

mercredi 19 Ntwarante 2014

Ababuranira abafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD baratangajwe n’ukubona ubutungane bwarabimye ijambo kuvyo bariko barasaba, bakamenyesha ko ribaye irya mbere kw’isi, aho abashingwamanza bankirwa guhabwa umwanya wo gusoma ivyo abo bafasha kuburana bagirizwa.

Urubanza rw’abantu 70 bafashwe mu migumuko yabaye hagati y’abaporisi n’urwaruka rwa MSD rwarumvirijwe muri sentare rubamba. Ku bafashwe 70, abagera kuri 48 ntibashoboye kuburana kuko bamwe muribo badafise ababafasha kuburana, abandi nabo bakavuga ko batashoboye kuronka umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, bari kumwe n’abashingwamanza babo. N’aho basavye kwongerwa umwanya imbere y’uko baburana, nticabujije ko umushikirizamanza yaserukiye Reta muri urwo rubanza abasabira umunyororo wo guherayo. Umushingwamanza Prosper Niyoyankana, umwe mubaburanira abo bafashwe amenyesha ko ari akamaramaza kubona abacamanza bihutira gufata ingingo, kandi ababuranyi bamwe batagira ababafasha kuburana, abandi nabo batamenyeshejwe ivyaha bakurikiranwako.

JPEG - 28.3 ko
Umushingwamanza Prosper Niyoyankana

Kubw’umushingwamanza Prosper Niyoyankana, vyerekana ko intumbero y’urubanza yafashwe imbere y’uko urubanza ruburanishwa, agasaba ubutungane kurengera abashaka kubukoresha muri urwo rubanza. N’aho uwaserukiye Reta muri urwo rubanza yasabiye abafashwe 48 ko bopfungwa ubuzima bwabo bwose, umushingwamanza Prosper Niyoyankana yamenyesheje ko bazokwunguruza urwo rubanza, bashike no muri Sentare mpuzamakungu.

JPEG - 46.7 ko
Abashingwamanza baciye basohoka kuko babimye inyishu y’ibibazo bafise

Mwomenya ko mu mugambwe MSD barungikiye urwandiko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, aho bamusavye ko amashirahamwe mpuzamakungu yogena umurwi wigenga woza kugira amatohoza akwiye kuvyabaye kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante hagati y’abaporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD. François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD amenyesha ko bituye amashirahamwe mpuzamakungu kuko babonye ko amatohoza ariko afata iyindi ntumbero, mu gihe kandi bagiriza ubucamanza ko bwoba buriko bukorera ku mategeko y’urwego rw’igendereza.

JPEG - 120.2 ko
François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD

Egide Nduwimana

Messages

  • MBEGA YEMWE UBURUNDI BUZOVA MU KARENGANYO RYARI? MUBIHE VYAHEZE TWABONA ABAFATA IBIRWANISHO BAKAJA MW’ISHAMBA NGO BARIKO BARWANYA LETA Z’AGACINYIZO. NONE ABAFASHE IBIRWANISHO AHO BASHIKIRIYE UBUTEGETSI KANDI HABANJE KUBA IBIGANIRO UMENGO AHUBWO BARI BAFASHE IBIRWANISHO KUGIRA BAHARANIRE NYABUNA AKARENGANYO GASUMBIRIJE. NONE GA BARUNDI MUBONA TUZOGARUKIRA HE? IMANA YODUFASHA IKADUHA UBUTEGETSI BUTIGEZE BWITWAZA IGISIRIKARE ICARICO COSE NGIRA AKO KARENGANYO GATURUTSE KU NGUVU KOGABANUKA.

  • Turasavye ko imiyabaga itomorezhwa nko mu ihe biheze amagume yaduciyeko yadusizemwo imvune ababipfa naba isangiye imiyabaga kwisi yose ni kaZoza kigihugu mwirinde kubaha ibiyayura umutwe hakora nama nigingo kuko igikenye kirica ntigikiza rabe namwe abo bana imyaka yabo biteye agahinda.

  • none ga yemwe makombe ntiyokwitoza nimba data wanje ataciye mu gisirikare bakamutora?

  • DUKWIYE INTWARO YA DEMOCRATIE NIHO ATA NGUVU ZOKORA KUKO ABARUNDI BASHAKA DEMOCRATIE NYAKURI ///TURARUSHE GUTWARWA N ABACANGERO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.