Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ababuranira Mohamed Morsi batashe batamuburaniye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ababuranira Mohamed Morsi batashe batamuburaniye

Ababuranira Mohamed Morsi batashe batamuburaniye

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Abashingwamanza ba Mohamed Morsi, yatembagajwe ku butegetsi n’igisirikare mu mwaka uheze, bavuye mu rubanza yagirizwamwo ivyaha vy’ubutasi (espionnage hamwe n’ibikorwa vy’iterabwoba (terrorisme) ivyo rero bikaba vyatumye urubanza rusiba, rukaba rwungururijwe kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma.

Abo bashingwamanza ba Mohamed Morsi hamwe n’abandi barikumwe, bavuga ko baburanishirijwe mu ruzitiro, aho ico bavuze kitashobora kwumvikana kuko amajwi yabo atasohoka. Urubanza rugitangura, Mohamed Morsi hamwe n’abasanzwe bamuburanira bamenyesheje ko abamuburanya bagize urwenge rwo kumushira mu kibanza amajwi ataja gusohoka.

Sentare rero yaciye yunguruza urwo rubanza irushira kw’igenekerezo rya 23 Nzero kugira sendika ihurikiyemwo abashingwamanza, itore abandi bashingwamanza boja kumuburanira. Impande ya Morsi, hari n’izindi mbohe 30 zagirizwa icaha kimwe na we, aho harimwo umukuru w’abafreres musulmans, abo rero bakaba bashobora gucirwa urubanza rwo gupfa.

Mohamed Morsi agira ati : ‘’Urwo n’urwenge mwakoresheje kuko muntinya’’. Mu gihe cose rero aja kuburana yama avuga ko n’ubu ariwe mukuru w’igihugu yemewe n’amategeko. ‘’Mufise ubwoba ko umukuru w’igihugu avuga’’. Mbere yaciye abwira abasanzwe bamuburanira ati :’’ Niho urwo rwenge baza barakoresha rwabandanya muzoce musiba ntimuzoze muri sentare’’.

Kuva rero ubutegetsi bwa Morsi butembagajwe guhera mu kwezi kwa Mukakaro 2013 hamaze kwitaba Imana abantu 1400, harimwo na cane cane abari mu myerekano bari mw’idini rya Islamu aho igice mbere cabo cishwe umunsi umwe kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro, nk’uko biri mu biharuro bitangwa na Amnesty International.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.