IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abacamanza basabwa kutaja muri yegereyegere

Abacamanza basabwa kutaja muri yegereyegere

jeudi 30 Rusama 2013

Kuva aho abari mu runani SYMABU ruhurikiyemwo abacamanza bamenyeshereje ko bagiye guhagarika imirimo kuva kw’igenekerezo rya6 gushika ku rya 10 Ruheshi 2013, umushikiranganji w’ubutungane Pasikari Barandagiye yagize ico ashikirije ku vyo abacamanza bahurikiye muri urwo runani basaba.

Abari muri SYMABU basaba ko inama rukokoma y’abacamanza yasezeranywe mu mwaka w’2012 yoja mu ngiro kandi n’ikibazo cabo c’imishahara kikaja mu ngiro, yegereyegere bateguye boca bayiheba.

Abo bacamanza rero bakaba bavuga ko kuva aho itegeko rishasha ryo gutanga ikori rigiriye mu ngiro, umushahara wabo wagabanutse cane ndetse umukuru w’urwo runani SYMABU Jean de Dieu Nduwimana, akavuga ko abaganga co kimwe n’abaforoma bari basangiye ikibazo c’imishahara bobo cagiye mu ngiro kuko itegeko rigena iyo mishahara yabo, rikaba rija ryaragiye mu ngiro.

Kuri ivyo rero, umushikiranganji w’ubutunngane Pasikari Barandagiye, avuga ko inama rukokoma bayirindiriye kuko abagiraneza bari baremeye kuzofasha muri ico gikorwa bataratanga imfashanyo, akabandanya avuga ko barindiriye gushika mu gice c’amezi atandatu ya mbere y’umwaka w’2013.

Ku bijanye n’umushahara w’abacamanza wagabanutse rwose bivanye n’ingingp nshasha yo gutanga ikori, umushikiranganji avuga ko umurwi ujejwe kwiga ibiharuro vy’imishahara wamaze kugenwa.

Umushikiranganji rero akaba yaheraheje asaba aba camanza bahurikiye muri SYMABU kutaja muri yegereyegere kuko ibibazo vyabo umushikiranganji n’abo vyega bose bariko barabikurikiranira hagufi.

Inyuma rero yakanya gato umushikiranganji asavye ko iyo yegereyegere itoba, icegera c’umukuru wa SYMABU yamenyesheje ko yegereyegere yari yateguwe kuva kuwa 6 gushika ku wa 10 Ruheshi ihagaze mu ntumbero yo guha akaryo abariko barakurikirana ikibazo cabo ngo bakirangize mu maguru masha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.