Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadandaza barangurira hanze baridogera ikigo OBR - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abadandaza barangurira hanze baridogera ikigo OBR

Abadandaza barangurira hanze baridogera ikigo OBR

lundi 4 Myandagaro 2014

Inyuma y’urugendo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yagize ku kivuko ca Bujumbura, kuri uno wa kane, abadandaza bafatiwe ibidandazwa barashikirije icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu imyidogo yabo n’ingorane bakunze guhura nazo. Inyuma yaho, ikigo gitoza amatagisi caciye gikoresha ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bagire ico bashikirije kuvyo barezwe.

Umuyobozi mukuru w’ibikorwa vy’amadouane, Joas Katanga, yamenyesheje ko ari ingorane y’abadandaza bataramenya akamaro ko kwerekana ibidandazwa baranguye. Avuga ko yasanze abadandaza benshi basanze ibidandazwa vyabo vyafashwe, nico gituma bari batonze ku kivuko baje kubitora. Ariko rero, ikigo gitoza amatagisi n’amakori kimenyesha ko kibabajwe n’ingendo y’abadandaza bamwe bamwe bakora urudandazwa rwa magendu. Yamara abo badandaza nabo bavuga ko n’ibidandazwa vyabo biba vyarihiwe itagisi bimara iminsi myinshi ku kivuko, eka mbere n’abakozi b’ikigo OBR bakidogerwa ko bataborohereza iyo hageze kuriha. Ivyo rero ntivyahakanywe n’umuyobozi ajejwe ibikorwa vy’amadouane, kuko mbere hari n’abakozi bamwe bamwe birukanywe kuko bafashwe bariko bakorana n’abakora urudandazwa rwa magendu.

Ibidandazwa rero vyari vyafashwe vyararishe itagisi mu muco, bikazoca bisubizwa. Ku cerekeye ikibazo co kumenya naho ko ibidandazwa vyari vyafashwe bizosubizwa, Joas Katanga yamenyesheje ko abadandaza bazoba bipfuza kuriha itagisi y’ibidandazwa vyabo mu muco bazobisubizwa. Yaboneyeho akaryo ko guhanura abo badandaza ko batoza barifatanya n’abakomisiyoneri kuko babahenda, abadandaza bagasabwa kwitaho kuriha amatagisi ubwabo, mbere bakabibutsa ko bafise uburenganzira bwo gusiguza mu gihe babonye amahera basabwe kuriha adasiguritse.

Uwo muyobozi ajejwe amadouane mu kigo OBR yaboneyeho akaryo ko gukeza bamwe muri abo badandaza bamaze kuriha amatagisi, mbere bakaba bari banatanguye gutora ibidandazwa vyabo.


Floxella Karire

Messages

  • Ico ciyumvuro co kurwanya abo biyita abakomisiyoneri na abadekarara ndagishigikiye. Kuko bariba abantu baba biranguriye ibintu. Mugabo vyose birazwi ni abo bakozi ba obr babarerekera. Port ni ifate ingingo yo kubirukana ngaho muri port guco abaranguye ibintu vyabo abe aribo biyiinjirira muri port kuriha amakori.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.