Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafaransa 7 bari banyurujwe ku wa 2 w’ino ndwi batowe kuri uno wa kane (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abafaransa 7 bari banyurujwe ku wa 2 w’ino ndwi batowe kuri uno wa kane (...)

Abafaransa 7 bari banyurujwe ku wa 2 w’ino ndwi batowe kuri uno wa kane mugatondo

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Abo bafaransa bari banyurujwe n’umurwi w’abarwanyi bakoresha iterabwoba w’aba islam witwa boko Haramu bakorera muri Nigeria mu kubanyuruza babakuye mu buraruko bwa cameroun babajabukana urubibe ihana na Nigeria babashikana mu gisagara ca DIKWA kiri muri Nigeria.

Igisirikare ca cameroun carakurikiranye abo barwanyi kirondera aho boba banyururije abo bafaransa niho babatora ari bazima ataco babaye bari aho izo ntagondwa zabasize. gushika ubu rero abo bafaransa bakaba bari mu minwe y’abategetsi ba Nigeria. ariko nkuko bivurwa na Reta ubufaransa ngo mu mategeko, uwanyurujwe yemerwa ko yabohotse igihe ashitse mu gihugu ciwe rero ko batarashika mu minwe y’ubutegetsi bw’ubufaransa babafata nk’abakinyurujwe. Hasigaye rero ko abategetsi ba Nigeria babarungika ari muri cameroun canke mubufaransa gutyo bakabona kwemeza ko barekuwe.

Nkuko television BFM yabitangaje, uyo murwi woba watwaye abo bafaransa mu ntumbero yo gusaba amafaranga, ariko ngo bimwe muvyatumye bata abo bafaransa aho bari babafungiye ngo ni ukutumvikana kwavyutse hagati yabo ndetse no kubura uburyo bukwiye kuko ngo n’Imodoka yabo basanze yashaye.

Alain Marsaud umushingamateka aserukira abafaransa baba muri cameroun mw’itangazo yashikirije arashimira Perezida Paul Biya ku twigoro yagize mu kurondeza abo bafaransa banyurujwe


Sylvere Bavumiragiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.