Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagabo bafise ubwiza bafise intanga"Sperme"zitameze neza cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abagabo bafise ubwiza bafise intanga"Sperme"zitameze neza cane

Abagabo bafise ubwiza bafise intanga"Sperme"zitameze neza cane

mercredi 10 Nyakanga 2014

Abahinga bagize ivyigwa basanze intanga z’abagabo"sperme" zirutanya ubukomezi bivanye n’uko umugabo asa (apparences physiques). Abagabo baboneka neza bafise intanga zitari nziza cane.

Ivyigwa vy’ubuhinga vyakozwe n’ikinyamakuru "Journal of Evolutionary Biology" bigatangirizwa mu nzu ntangazamakuru "Maison d’edition" yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika "Huffington Post", basanze inkomezi z’intanga atari zimwe ku bagabo.

Ico cigwa cagizwe ku bukomezi bw’intanga z’abanyeshuri 50 bo k’umugabane wa Buraya, biga muri kaminuza. Inyuma yokwegeranya izo ntanga "spermes", abo bahinga baciye batwara amashusho( Photos) y’abo bahungu, bayereka abagore maze babasaba gutoramwo abo bohitamwo. Benshi muri abo bagore batoye abahungu bafise ishusho nziza. Abo bahinga bamaze kwerekana ivyo bakuye mu cigwa bakoze kuri izo ntanga, basanze abo bahungu bashimwe kubera ubwiza badafise intanga zimeze neza.

Jukka Kekalainen, umwe mu bakoze icigwa avuga ko bwari ubwa mbere bakoze icigwa nk’ico, nta nsiguro zirenze abo bahinga baratanga ariko amatohoza azobandanya akorwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.