Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Abagabo batitabira amashirahamwe bahamagara ubukene mu nzu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > "Abagabo batitabira amashirahamwe bahamagara ubukene mu nzu (...)

"Abagabo batitabira amashirahamwe bahamagara ubukene mu nzu zabo"

jeudi 7 Munyonyo 2013

Abanyagihugu babarundi bariko baratahura ku bwinshi akamaro ko kuja mu mashirahamwe. Abo banyagihugu ubu, bakaba barwiriye mu mirwi nka yose haba abagore, abagabo, abasore , inkumi n’abakozi ba Leta ndetse bakaba badasigara inyuma.  

Hagati mu gihugu nko mu gisagara ca Bujumbura, amashirahamwe si make y’abanyagihugu baja hamwe mu ntumbero yo kwiteza imbere. Muri komine ya Buhiga mu ntara ya Karuzi, abanyagihugu baho, bavuga ko nabo nyene ubu bari mu mirwi y’amashirahamwe, mu ntumbero yo gukorera hamwe ibikorwa vy’iterambere kugira biteze imbere mu miryango yabo. Ishirahamwe Ndinda tujane mu mahoro ryo ku musozi wa Mwoya, rikaba muri iki gihe rihagaze neza mu burimyi, ubworozi ndetse no mu budandanji butobuto.

Ku bwa Ndereya Hakizimana arirongoye, avuga ko ryatanguye mu mwaka w’1995, mu gihe hari ingorane zitandukanye z’imibano na politike mu gihugu c’Uburundi. Iryo shirahamwe nk’uko izina ryabo ribivuga, rikaba ryari rifise intumbero yo gushira hamwe abantu bose, yaba abahutu, abatutsi n’abatwa, mu gihe bamwe baba ku misozi, abandi baba mu makambi y’abateshejwe izabo i Rugogwe muri Zone ya Buhiga. Abari muri iryo shirahamwe rero, bakaba bafise ibigega bibafasha mu gihe hageze ko abana babo baja ku mashure n’ibindi nko mw’iteragira. Avuga ko ubuzima bwo kubana mu mashirahamwe bubafasha mu kwiteza imbere no mu kurwanya ubukene.

Uyo mushingantahe rero, akaba asaba abarundi batarijukira amashirahamwe gutangura vuba, kuko kuja mu mashirahamwe ari inzira mu zindi yotuma ubukene n’inzara biba nk’umugani mu gihugu. Abagabo nabo nyene bagasabwa kutigira basindabibazwa canke gufata ko amashirahamwe ari ayabagore gusa. Ni ukuvuga, ko amashirahamwe ari ayabose nk’uko iterambere ari irya bose nk’uko bivurwa na Hakizimana mu gusozera. Abarwanya amashirahamwe baba bariko bikwegera ikigoyi mu miryango!


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.