IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Abagendesha imiduga minini basaba kunyarutsa ibikorwa vy’ibarabara (...)

Abagendesha imiduga minini basaba kunyarutsa ibikorwa vy’ibarabara RN1

mardi 9 Nyakanga 2014

Abazana imizigo bayikuye haba mu bihugu bibanyi canke mu ntara hagati mu miduga mini, barafise umwizero ko mu minsi ibarabara rya Bujumbura Bugarama ryugawe rizugururwa mu gihe ibikorwa vyo kurisanura biriko biraba.

Imiduga mini ikaba yasabwe guhindura amayira, inyuma yaho ibarabara Bujumbura Bugarama rimanyuwe n’imvura yaguye mu kwezi kwa Ruhuhuma, iyo miduga yo mu bwoko bw’amakamyo igaheza ikaza iraca mu ntara za Rutana na Mwaro. Uretse ko abatwara iyo miduga bavuga ko bagira ingendo zinini, bavuga ko bagira n’uruhombo. Bamenyesha ko bakoresha igitoro cinshi, umwanya munini mu gushika i Bujumbura, ndetse n’ibidandazwa bica bizimba, abaguzi ugasanga ntibavyakira neza. Abo bazana ibidandazwa bakoreshe imiduga minini, bagasaba Reta y’Uburundi gukora ibishoboka kugira ibikorwa vy’iryo barabara birangire vuba.

Mukamenya ko ibarabara Bujumbura Bugarama,ryimburutse kubera imvura, igice kitari gito caryo kikaba caratwawe n’iyo mvura, igisuka mu mwonga, aho n’imiduga mito kugira irengane muri ako gace kasinzikaye atari ivyoroshe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.