Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abageze mu zabukuru ntibafashwe neza mu miryango yabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abageze mu zabukuru ntibafashwe neza mu miryango yabo

Abageze mu zabukuru ntibafashwe neza mu miryango yabo

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Umuryango San’t Egidio mu Burundi wateguye ikiganiro, aho bariko baravuga ku bijanye n’uko abageze mu zabukuru bafashwe mu Burundi. Abatari bake rero mu bafashe amajambo muri urwo ruganda, bakaba badahakana ko abageze mu zabukuru badafashwe neza, kandi barakoreye igihugu ibitari bike, imyaka bari bakibasha.

Mw’ijambo ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yuguruye ibikorwa vy’urwo ruganda, yamenyesheje ko abageze mu zabukuru badafashwe neza, kuko hamwe hamwe mu miryango baturubikwa. Ariko rero akaba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yamaze gufata iya mbere mu gufasha abo bageze muza bukuru, mu kubategurira ikigo ku Mubone, gishobora kuzokwakira abageze mu zabukuru, eka ndetse no kubategekeraniriza kazoza. Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yavuze ko benshi mu bageze mu zabukuru usanga bariko barasabiririza mu mabarabara y’ibisagara, ivyo bikaboneka ko imiryango imwe imwe isa naho yabataye.

JPEG - 1.8 Mo
Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Yaba umushikiranganji Clotilde Nizigama ajejwe gushigikirana, canke Eric Nyamiyonga asanzwe arongoye uwo muryango Saint Egidio mu Burundi, bose bavuga ko abageze mu zabukuru mu Burundi badafashwe neza. Eric Nyamiyonga akavuga ko abageze mu zabukuru kera bari bafise uruhara runini mu miryango kuko barera, bagahanura, na cane cane ko bazi vyinshi, kandi babonye vyinshi. Abageze mu zabukuru rero baba mu miryango, bakaba hamwe hamwe bafashwe nabi, bamwe bagenda barasabiririza mu mabarabara. Ivyo rero bikerekana ko abarundi bariko barata umuco, mu guheba ababavyaye, bakabata mu mabarabara ata kigongwe.

Mu muryango Sant Egidio bagasaba abarongoye igihugu kwitaho abageze mu zabukuru, nk’uko hariho poritike yo gufasha abakiri bato, hakabaho n’iyo gufasha abageze mu zabukuru, bakavuzwa, nk’uko ubu abana badashikana imyaka itanu bavuzwa ku buntu, co kimwe n’abagore bariko baribaruka. Abakiri bato n’abandi barundi batandukanye nabo, bakaba bahamagarirwa gufasha abageze mu zabukuru, mu kubereka urukundo nk’urwo nabo bakunze abana babo batarasaza.

Urwo ruganda rero rukaba rwari rwitabwe n’abantu batandukanye, harimwo bamwe mu bigeze kuramutswa amabanga akomeye y’igihugu, bamwe mu bashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji, abari mu mashirahamwe, ab’ihebey’Imana, hakaba hari na Musenyeri Matteo Zuppi, yari yaje ava i Roma mu Butariyano, ku bw’umuryango wa Sant’Egidio.

JPEG - 34.9 ko
Musenyeri Matteo Zuppi, yari yaje ava i Roma mu Butariyano, ku bw’umuryango wa Sant’Egidio

Tukabamenyesha ko mu gisagara ca Bujumbura, ariho hari abageze mu zabukuru benshi usanga bariko barasabiririza mu mabarabara atandukanye, ugereranije no mu bindi bisagara vyo mu Burundi. Bamwe usanga bicaye imbere y’amazu adandarizwamwo, abandi imbere y’amasoko, abandi n’abo imbere y’amasengero. Abo bose bakaba bemeza ko bafashwe nabi aho batse indaro mu miryango, bakabarungika gusabiririza, batabikoze, bakarazwa ubusa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.