IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basomewe urubanza

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basomewe urubanza

samedi 16 Nzero 2016

Urubanza rw’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, rwarasomwe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2016. Bamwe baciriwe umunyororo,abandi bambikwa izera.

Bose hamwe uko ari 28 bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi,kwica abasirikare n’abapolisi,guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho,no kwonona no gusambura inyubakwa.

Urubanza rwabo rwaciwe bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abapolisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye,Juvenal Niyungeko batazira Kiroho,Zenon Ndabaneze na Hermenegilde Nimenya,bose baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Umurwi wa kabiri,ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel,Capitaine na major baciriwe gupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.

Umurwi wa gatatu ugizwe n’abasirikare n’abapolisi bato bato,bamwe bari abagendesha imiduga abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa general. Abo baciriwe gupfungwa imyaka 5.

Umurwi wa nyuma ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo Gen Primw Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano na colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Hagabimana Richard.

Abasomewe urubanza bose bafise iminsi 30 yo kwunguruza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.