IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bungururijwe mw’ibohero rya (...)

Abagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bungururijwe mw’ibohero rya Murembwe

jeudi 23 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Abanyeshure babiri bo muri kaminuza y’Uburundi bari kumwe n’iyindi misore ibiri, bagirizwa icaha kimwe co kuba baratutse umukuru w’igihugu, babarizwa mw’ibohero rikuru rya Murembwe mu ntara ya Rumonge.

Kuri uno wa gatatu , niho abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi batabaza bafise amakenga y’iyo bagenzi babo bajanywe, kuko batari bakibarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba batwawe atawumenye iyo bajanywe. Mu masaha yo ku mugoroba niho bagiye kumenya ko babatwaye kubafungira mw’ibohero rikuru rya Murembwe mu ntara ya Rumonge, nk’uko Simoni Rurasuma asanzwe aserukira abo banyeshure abimenyesha.

Petero karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abafungwa n’akamuntu, aravyiyamiriza kuko ari uguhonyanga agateka ka zina muntu, agira ati: ‘’mu gihe bataraciriwa urubanza ntibari gushobora kwunguruzwa’’, abandanya avuga kandi ko, iryo yunguruzwa ryatumwe n’umushikirizamanza mukuru wa repuburika muri Mairie ya Bujumbura, Arcade Nimubona.

Tubibutse ko iyo misore uko ari ine yafashwe ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 12 Ndamukiza ,ifatirwa mu gisagara ca Bujumbura, mu bibanza bitandukanye, no mu masaha atandukanye bajanwa gufungirwa muri BSR bagirizwa icaha co gutuka umukuru w’igihugu. Kw’igenekerezo rya 14, niho baja kwumvirizwa muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura, mu nyuma hafatwa itegeko ryo kubajana kubafungira mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Bamwe n’abandi bakaba babibonamwo akarenganyo kuko ata cagiriji ,canke ivyemezo vy’ibitutsi boba baratukanye vyigeze biboneka, nk’uko Petero karaveri Mbonimpa yabishikirije. Inyuma yaho abanyeshure bagenzi babo bo muri kaminuza y’Uburundi baciye bashinga umunsi wa kabiri witiriwe umwijima’’. Kuri uno wa kabiri, igenekerezo 21 Ndamukiza baragize urugendo bambaye umwambaro w’irabura bagiye kuraba bagenzi babo Renée Nshimirimana na Yohani Bosco Nibizi, ariko igiporisi kikaba caciye kibasubiza inyuma.

Imvo yatumye abo bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bajanwa gupfungirwa mu Rumonge ntiramenyekana, akaba ari inkuru turiko turabatohoreza.


Floxella Karire

Messages

  • Abanyeshure ba kaminuza ni bibuke icabatwaye mu masomero, bareke gusamazwa na politike canke kuvumba inzoga canke kunywa itabi canke kwiruka inyuma y’abigeme kuko umwanya bata bari muri ivyo ntibazowugarura. jewe ndazi abanyeshure bashize ivyigwa imbere, mu myaka ine baba bararangije. Ndazi n’abandi bihinze gusamazwa n’ivyo navuze aho hejuru baca bamara imyaka umunani batararangize, barata baromoka. jewe nize kaminuza prive kandi abamfansha bari bampaye imyaka ine gusa, ahandi ngaca nimenya. None mwumva nari kuja gusamara hanyuma nkazokwimenya gute? Nabo ni bahitemwo ikizobagirira akamaro. Ploitike n’ibindi bazobijamwo barangije ivya mbere arivyo kwiga bakamenya.

  • Ewe mwa bana mwe mukuze muri démocracie nimwivugire,iyaba ku ntwaro z’abahima ntawomenye iyo mwaciye,nimuwsabe ikigongwe peresida azokibagirirq

  • Oyanukuri abobana nihagure uwubashikira ababwire basabikigongwe umukuruwigihugu maze nibagisaba turacanatwe tubafasha gutakambira nyenicubahiro yakire ibisabovyanyu, kandi muzobamwubatse kazozanziza kurinwrbwe nokurundirunganwe ruzokurukira kukwavazomenya ukovyabagendeye bazohezabamenyeko gutuka umukuruwigihugu arumuzuro, arikobirababaje kubona harihabantu bakuze baziko kizira gutuka umukuru wigihugu barikobaravugagusa ngorekura abobanueshure birababaje kukonabana bavyumvise bivurwa nababakuriye bazokurabaziko gutuka umukuru wigihugu aribisanzwe! Bantu muriko murarashigikira abacurika bacuranura umukuruwigihugu Nkurunziza mukabashigikira mweruye mutihishije mukibaza ngo kobabigiriza president Nkurunziza ngontakibazo ngonibamukomeshe muzotangara ahomuzosanga babigize umugenzo bazobikorere nabomwiyumvamwo maze muhaguruke muvugengo bakoze umuziro hanyuma tuzoce tubibitsa iyi talike ukomwifashe mugihe ababanyeshure batuka umukuru wigihugu.

  • KUDAKUBITA IMBWA VYORORA IMISEGA.....NIBAHANWE KUKO BARAMENJE...GUTUKA UWUKUGABURIRA KWERI...!

    NKUBU BARABAHENZE ABABAHENZE ABANA BABO BARIKO BARIGA...NABO BARAFUNZWE..!!!! QUI PERD!

    NIMUCE UBWENGE.....NTAMWANA WA MINANI...WA LEONCE....ONESIME...TOUT AUTRE....YAGIYE MWIBARABARA NGO ARIKO YIYAMIRIZA IKIRINGO CANKE NGO ATUKE UMUKURU WIGIHUGU...UMVIRIZA ICARICO KWIGURA UWUNDI

    HANA ABO BANA NIBAZOSUBIRE TURABASAVYE TWEBWE ABAVYEYI.

  • NUKURI BIRABABAJE URI UMUVYEYI WATUMYE UMWANA KW’ISHURE AKAJA MURI BUISSONIERE NKIYO BAGIZE MWIBARABARA KANDI AMASAHA BATEGEREZWA KUBA BARI MW’ISHURE. AHUBWO ABAVYEYI TWOKWITWRIRA ABANTU BABAHAMAGARIYE MW’IBARABARA KANDI BARABITANGAJE KW’IRADIO

  • ico nsaba nuko abobanyeshure bobarekura baka burana bava kwishure.kuko bariguhomba ivyirwa.hanyuma niyo icocaha cabagira bazohanwe.abanyeshure nabo dufashanyije umubabaro kubona ufungwa ukiri kuntebe y’ishure birababaje.basenga Imana izobakura mwibohero.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.