Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagize uruhara mu gusomanturi kw’abantu muri Mediterane bariko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abagize uruhara mu gusomanturi kw’abantu muri Mediterane bariko (...)

Abagize uruhara mu gusomanturi kw’abantu muri Mediterane bariko barahagarikwa

vendredi 8 Munyonyo 2013

Igipol\risi c’Ubutariyano cafashe umunyasomariya akekwako ashobora kuba yaragize uruhara ku sanganya ryabaye Lampedusa aho abantu 366 barwa muri Mediterane. Uwo akaba afashwe kumwe n’abandi babiri, umunyatuniziya hamwe n’uwukomoka muri Palestina

Uwo mugabo yaragirizwa kuba ari muri bamwe bazana abimukira mu bihugu vya buraya ku buryo butemewe n’amategeko. Uwo musomariya w’imyaka 24 yafatiwe i Lampedusa.

Nk’uko bimenyeshwa n’ibinyamakuru, uwo musore w’umunyasomariya yoba yamenyekanye mu gihe abo bimukira bariko barumvirizwa na sentare. Aho mbere baciye bamwagiriza ko yoba yarafata abakobwa ku nguvu mu gihe baba bariko barajabuka.

Ikinyamakuru "la stampia" kimenyesha ko uwo musore yoba yarari mu mirwi irwana. Kandi yoba ndetse yagirizwa n’ibindi vyaha vyinshi nko kunyuruza abantu , kuba mu mashirahamwe y’inkozi z’ibibi afise intumbero yo kubesha abantu bimuke baja mu bindi bihugu bidaciye mu mategeko (immigration clandestine). Aragirizwa no gukora urudandazwa rw’abantu hamwe n’ifata ku nguvu.

Inyuma y’ibara ryaguye aho abantu 366 barwa muri Mediterane,abategetsi baciye bahagarika umudereva w’ubwo bwato. Uwo nawe azwi kw’izina rya Khaled Bensalam yamuka muri Tuniziya. Akaba afise imyaka 35 y’amavuko.Ayundi amazwe gufatwa ni umunyapalestina kuko yoba yarateguye ishika ry’ubundi bwato bwarimwo impunzi z’abanyasiriya.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.