IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagumije MBONIMPA mu munyororo bavuguruje umushikiranganji w’ubutungane

Abagumije MBONIMPA mu munyororo bavuguruje umushikiranganji w’ubutungane

mardi 15 Mukakaro 2014

Intumwa idasanzwe y’umurwi ugenzura iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu muri Afrika, umushingwamanza Reine Alapini-Gansou aranegura ingingo yafashwe y’ukugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH. Kubw’umushingwamanza Reine Alapini-Gansou, iyo ngingo yerekana ugushaka kuburagiza abaharanira agateka ka zina muntu bashikiriza ibitagenda neza mu gihugu.

Umushingwamanza Reine Alapini-Gansou, intumwa idasanzwe y’umurwi ugenzura iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu muri Afrika, amenyesha ko batangajwe n’ingingo ya sentare y’ukugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, ubutungane bukirengagiza ingingo y’umushikiranganji y’ubutungane Pascal BARANDAGIYE yo kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2014 ivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60 canke arwaye ingwara idakira ko aburana yahawe umwidegemvyo w’agateganyo. Nk’uko umushingwamanza Reine Alapini-Gansou abishikiriza, Petero Karaveri Mbonimpa ntiyari akwiye gupfungwa kubera ivyo yashikirije bijanye n’itangwa ry’ibirwanisho, kandi ko hari urwaruka rw’abarundi rukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare i Kiliba Ondes, kuko n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaheruka kubigarukako, mu rwandiko ryasohoye.

Umushingwamanza Reine Alapini-Gansou akabona ko ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa ari nk’ugushaka kuburagiza ibikorwa vy’abaharanira agateka ka zina muntu, kugira bahagarike gushikiriza ibitagenda neza mu gihugu, agahamagarira Reta y’Uburundi kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu yateyeko umukono.
Ubutungane bw’Uburundi nabwo bwasabwe gukora ibishoboka vyose kugira butange umuco ku bivugwa ko urwaruka rw’abarundi rukora imyimenyerezo ya gisirikare i Kiliba Ondes, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Petero Karaveri MBONIMPA yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, akaba ari icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nagumeyo ashaka guta igihugu mumanga,he must be charger with Treason,numugambanyi wigihugu c’uburundi akwiye guhera mumunyororo azovurirwamwo naho nyene baravura

  • PASIYO YAMBONIMPA NAHO ARI NAGUMEYO ADRYE UTWIWE HAMA ABARIRIMVYI NABO BARONKE AKAZI KOKUMUTEGURIRA INDIRIMBO ZIVYOYAMAZE

  • Mbega babarundi bakorana na Nzabampema mwavugisha kumaradio bakiyita aba Congomani uwari kubabwira ngomwerekane kwaraba Congomani ntimwarikumaramara imbere yabarundi naba Congomani! Akataretse kabagasema rindira nejonumusi.

  • ari ko uwo yiyita Levis ,jean aho mwembwe ntimuzomukenera ngo aba vugire?ngo barabarenganije .ari ko aba DD Bamwebamwe haraho nibazo ko batakomeye ?ngo agumeyo !!arenganijwe??uwobikugirira woryoherwa?MUTAMA NIBAMUREKURE ATAGISABWE.

  • BASHA ITWORO MBI ITUGEJEJE HABI .MBE GA HAZOGERA RYARI NGO TUBOMORE BOMOKE ABO BA DD??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.