Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagwizatunga basaba kworoherezwa ku mipaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abagwizatunga basaba kworoherezwa ku mipaka

Abagwizatunga basaba kworoherezwa ku mipaka

vendredi 14 Ntwarante 2014

Abakorera mu gisata c’amaduwane mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko bahuriye hamwe mu nama i Bujumbura, mu ntumbero yo kurabira hamwe ingorane n’intambamyi zihari ku vyerekeye uruja n’uruza rw’ibidandazwa muri ivyo bihugu.
Nk’uko tubimenyeshwa na Ferederiko Manirambona, umukomiseri w’amadwane muri OBR y’Uburundi, batunganije inama yo kurabira hamwe intambamyi zotuma uruja n’uruza rw’ibidandazwa rugenda neza mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Igishasha muri yo nama nk’uko zabaye no mu bindi bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, n’uko bahaye akaryo abagwizatunga ko gushikiriza ingorane bafise.
Manirambona Ferederiko amenyesha ko kubera ivyigwa vyakozwe ku muhora wo mu buraruko (corridor nord), Mombassa - Kigali - Bujumbura, basanze kubw’ubwo bushakashatsi, ubu iminsi yaragabanutse cane ku basanzwe baja kurangura ibidandazwa.

Abagwizatunga baronka ibidandazwa bitagoranye, n’abaguzi nabo nyene ni uko nyene. Nk’ibidandazwa vyahora bimara iminsi 15 bitarashika ubu bimara iminsi itanu gusa, ibiciro hari igihe bica bigabanuka, n’inganda canke amahinguriro akora ivyo bidandazwa arahungukira. Bamwe nabo bakoresha ibiduga binini nk’abadandaza bahora bagenda rimwe mu kwezi bazoshobora kugenda nka gatatu.

Ingorane rero zivugwa n’uko imashini z’ikigo gitoza amakori OBR usanga zimwe zapfuye, ariko muri OBR barahumuriza ko hasigaye hari ubuhinga bwa none basigaye bikorako, kugira bakemure ico kibazo. Iyindi ngorane y’umuyagankuba bakamenyesha ko bayitoreye umuti mu kugura amashini y’umuyagankuba (groupe) kugira ntisubire kuba intambamyi ku badandaza bakorera kuri iyo mipaka yo hagati mu gihugu.
Abagwizatunga bari bitavye inama bakaba basavye kworoherezwa ku mipaka


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.