IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahindi baba mu Burundi basabwa kuvayo imbere y’uko uku kwezi (...)

Abahindi baba mu Burundi basabwa kuvayo imbere y’uko uku kwezi guhera

vendredi 10 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Igihugu c’Ubuhindi kirasaba abahindi baba mu Burundi, kuba barahavuye imbere y’uko ukwezi kwa Ndamukiza kurangira.

Komisariya nkuru y’igihugu c’Ubuhindi irasaba abahindi bose baba mu Burundi kuba bararondeye ivyangombwa vyo kuva muri kino gihugu (visa de sortie) gushika kuwa 15 Ndamukiza kugira baze basohoke igihugu mu kwezi kwa Rusama, mu ntumbero yo kwirinda kubikora ku munota wa nyuma, ivyo tukaba tubikura mw’itangazo basohoye kuwa 7 Ndamukiza 2015.

Muri iryo tangazo komisariya nkuru y’igihugu c’Ubuhindi imenyesha ko bamaze igihe bakurikiranira hafi ibiriko biba mu Burundi. Muri iryo tangazo babandanya bavuga ko Reta y’Ubuhindi yegereye Reta y’Uburundi isaba ko abahindi baba mu Burundi boronka uruhusha rwo gusohoka batarinze kuriha impusha "Visa", bakazosubira kuronka uburenganzira bwo kugaruka inyuma y’amezi atatu nivyagenda neza mu matora, nk’uko babandanya bavuga. Komisariya nkuru y’igihugu c’Ubuhindi imenyesha ko gushika n’ubu Reta y’Uburundi itarabishura.

Tubamenyeshe ko ivyo babishikirije inyuma yaho mu gihugu c’uburundi higaragaza umutekano muke, hamwe n’impari z’urutavanavanako zivuye ku bijanye n’ibiriko bivugwa vy’ukwitoza kwa Petero Nkurunziza ubugira gatatu, ivyo bamwe babona ko ari ukurenga amategeko n’amasezerano abarundi bateyeko igikumu.

Hakaba n’ayandi makuru amaze iminsi avugwa ajanye n’ibigwanisho vyoba biriko biratangwa ku rwaruka rw’Imbonerakure, hamwe n’ayandi makuru yose avugwa yo kuzokwaka ubuzima uwo wese yohirahira kuja mw’ibarabara yiyamiriza ikiringo ca gatatu hamwe n’abandi bose bo mu mugambwe CNDD-FDD bateye igikumu kuri rwa rwandiko, rwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.


Floxella Karire

Messages

  • Petero Nkurunziza akwiye gukurwaho namatora ndibaza iyo niyo Demo krasi.Uwumukumira mumatora nibaza ko atari umukunzi wabarundi.Arusha,abarundi bajanyweyo nintambara none niba uburundi buri muntambara niburongorwe nayo.Namba bitaruko ntibikwiye kuba gutyo.Guhinduranya abategetsi buri myaka5 siterambere kubarundi mugomba mwovyiyumvira.Elizabet atwaye imyaka ingahe?Mugabe atwaye ingah;Nyerr yatwaye ingah none ivyo bihugu tubisumvya iki ico twobigisha co nigik?

  • cyrille ugomba gutandukanya u burundi nivyo bihugu uvuga kuko uko abanyagihugu bavyo babonye amahoro bitandukanye nuko abarundi bayabonye .aho ninkuko wogereranya Kagame na Nkurunziza .Kagame yatsinze intambara mugihe Nkurunziza atayitsinze ahubwo yabaye perezida kubera amasezerano ya A rusha.igumire mwenewacu kwari ukugukebura.

  • Cyrille we teshwa ute...ubu nubganyuma cndd fdd itwara...n’umwuzukuru ntaze amenye ko yigeze kubaho. Gusa Imana ikugirire imbabazi ku bgicanyi n’ubusuma bganyu

  • @ aloys et nzovugir.....
    Sinshigikiye ivyo cyrille yavuze ariko namwe ntimuzorate kagame cane,mushobora gukurikira bene wanyu bo mu kirundo mukaja kubayo!ikindi,burya uwovyitegereza neza urya muhima buyoya yarinze yemera amasezerano azi ico yabikoreye ntikwari ukugira peter atware kwari ukubakiza mwebwe abatutsi,je me demande iyo yari kurindira 2 ans uko vyari kugenda,ubwo ni mwe muba mwaratsinze?Nimwijandajandire basha arusha yabahaye 40 pourcent zose muri 15 pourcent ahubwo iyo murira ngo murakenye sindavyumva,murabegurira ahubwo uducikako abahutu,ariko nariko ndifyinira ubukunzi bw’nda bwanyu ntimwoshobora?None buyoya yavyemeye muri he,erega n’ubu subira mugwane turabarindiriye,ariko ico mwomenyaco nta mututsi qui va encore s’engraisser comme un porc sur le dos d’un hutu kiretse duheze twese!Bizoba bikomeye!!

  • Mbega nta bandi banyamahanga botuviraho ko ataco batuzaniye atari ukuza gu profita agahugu kacu kakiva mu ngwano??Mbe bigenda gute ngo abarundi babe aribo baja mu rwanda abanyamulenge n’abanyarwanda ntibasamure n’ukwasamura!!Ewe burundi bwa ba sogokuru waragowe ntawuzopfa atakununuje amaraso!

  • Muri Democratie,hitamo imara ipfa. Si iwanyu gusa biri,n’iwacu niko bimeze! Gusa urugamba rwo kurwanya izi LETA z’igitugu tugomba kururwana twivuye inyuma!

  • Nibareke Kugira Ubwoba Kuko Imana Ikomeye Irahari Yatumye Farao Asambukira Mukiyaga Mbe Azonani Gwa Na Petera Na Adorf Reka Gato AbaruNdi Tuzotangara Kubwo Inkomezi Zi Mana Zizokora Kwabo Ba Bababironi

  • @Révolution
    oya nibagende na bandi bashaka bakurikire,abahindi ni imyungu ya rwa ruyuzi,mbe nka murundikazi ;abanyamulenge n’inyenzi zitubera mu gihugu ko zitagenda,bo ntibatinya canke ntibagira iyo baja,ni ibigarasha!

  • oya ntibavuga abagumyabanga bavuga abagumyabondo.

  • babirukane natwe abacu barahoneye afrik du sud

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.