Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahinga b’abarundi basaba Leta ko yobitaho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abahinga b’abarundi basaba Leta ko yobitaho

Abahinga b’abarundi basaba Leta ko yobitaho

samedi 15 Ruheshi 2013

Ubuhinga budasanzwe bwo guhingura utugenegene, busa n’ubutitaweho mu gihugu c’Uburundi, nk’uko abasanzwe babikora babivuga. winjiye mu kigo ndangakaranga musee vivant uhasanga abahinga batandukanye bahingura ibintu vyinshi bitandukanye ndetse biteye igomwe.

Bamwe muri abo bahinga harimwo abidoga ko batitaweho kandi ivyo bakora ari ibintu biteye igomwe vyo kurata mu makungu, ndetse bikaninjiriza amafaranga y’agaciro igihugu. Nk’uko umushingantahe Bernard Bigendako abivuga, amenyesha ko bakora ibintu biteye igomwe, ariko ingorane ni uko Leta isa niyititaho abahiga bahingura utugenegene n’ibindi.

Winjiye aho akorera uhasanga ibintu vyinshi yakoze biteye igomwe biboneka ko birimwo ubuhinga buhambaye. Tumubajije uko yabimenye yatumenyesheje ko yavyize kw’ishure rya kera ry’abatariyano ryari mu giheta, mu ntara ya Gitega araheza avyiga imyaka itandatu. Ubwoko bw’ibiti abikoramwo nabwo ngo ntapfa gufata icarico cose, araba ibiti bitihuta kubungwa.

Avuga ko ibiti bitamugora cane kubera ashobora kumara umwaka akoresha igiti kimwe. imyaka nayo iheze abikora igera kuri 45 arakana kandi n’ingoma. Twashatse kandi kumenya ko aronka abamushorera yatumenyesheje ko baza bukebuke. Yaduhaye akarorero k’ivyo yakoreye amasengero ya Katorika atandukanye nk’imisaraba ya yezu na Bikira Mariya.

Ku bijanye n’uko hoba hari abana bato yigisha yavuze ko atabo aronka babikunda ndetse nabo avyigishije bakiri bato bamaze gushika mu mashure barabura umwanya ugaca usanga babihevye.

Ico asaba nk’abandi bahinga bose, Leta yoshira inguvu muri ico gisata kugira itere intege abahinga, kubera ngo ivyo bakora vyitaweho, vyokwinjiza amafaranga ya gaciro mu kigega c’igihugu.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.